Accueil > Amakuru > u Burundi > Muganga Yohani MINANI yagiriza igiporisi ko camunyaze ubutunzi (...)
Muganga Yohani MINANI yagiriza igiporisi ko camunyaze ubutunzi bwiwe
vendredi 9 Ruheshi 2017
Muganga Yohani MINANI amenyesha ko mu vyatwawe harimwo intebe, ama matelas yo kuryamako, amasafuriya n’ibindi vyose bikoreshwa mu nzu yakira ingenzi.
Kubwa Yohani MINANI abatwaye ivyo bikoresho barazwi kandi n’abanyagihugu barazi aho vyatwawe, kuko babisohoye mu nzu babona.
Muganga Yohani MINANI akamenyesha ko inzu yiwe yo kwakira ingenzi yafashwe na Reta kandi ariyo izokerekana aho ivyibwe mu nzu biri.
Mu giporisi ntibaragira ico bashikirije kuri ivyo bagirizwa na Muganga Yohani MINANI, ikinyamakuru IGIHE kikaba kizorondera umuvugizi w’igiporisi kugira agire ico ashikirije.
MUGISHA Van Naris
Messages
14 Ruheshi 2017, 07:10, par HARINDINTWARI,BRAWUNI
UBWO,UWOMUGABO,NTABESHERA,IGIPOLIC,?