IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya : Abakobwa 12 bafashwe bagira baje kudandazwa muri (...)

Muramvya : Abakobwa 12 bafashwe bagira baje kudandazwa muri Oman

mercredi 8 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe ONLCT Où est ton frère rijejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu basaba Reta y’Uburundi ko yotegura neza amategeko ajanye n’ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, kuko kubw’iryo shirahamwe, bikiboneka ko urudandazwa rw’abantu rukibandanya mu yandi mayeri adasa n’aya kera.

JPEG - 144.3 ko
Mu giporisi bavuga ko abo bakobwa bari bajanwe kudandazwa mu gihugu ca Oman

Muri iryo shirahamwe bameza ko Abarundi bagera kuri batatu ku munsi aribo badandazwa mu bihugu bitandukanye, cane cane vyo ku mugabane w’abarabu.

Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, "Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère, rivuga ko mu biharuro bafise, Abarundi barenga 338 aribo bamaze gutwarwa mu rudandazwa rw’abantu kuja uwu mwaka w’2017 utanguye.

Prime MBURUBUKEYE atwara ishirahamwe rirwanya amabi ajanye n’urudandazwa rw’abantu, ONLCT Où est ton frère agira ati : "N’aho tugeze mu kinjana ca 21 ayo mahano aracariho ariko agakorwa hakoreshejwe ayandi mayeri asa n’ayakera."

JPEG - 96.1 ko
Abo bari bajanwe kudandazwa muri Oman bafashwe n’igiporisi

Prime MBARUBUKEYE amenyesha ko abo barundi bajanwa kudandazwa mu bihugu vya Oman, Arabia Saoudite, Koweit, Australiya, Canada, Amerika n’ahandi. nk’uko bishikirizwa n’iryo shirahamwe, abo barundi bacishwa mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

"Kuva mu kwezi kwa mbere kw’uwu mwaka, gushika kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017, abarundi barenga 338 baramaze kujanwa nk’inyagano kudandarizwa mu bihugu cane cane vy’abarubu. Muri abo, abashika 134 barafashwe basubizwa inyuma n’inzego zibijejwe. Abari babashoboye nabo bashika kuri 6 barafashwe bashikirizwa inzego z’ubutungane."

Iryo shirahamwe ONLCT Où est ton frère rihamagarira Reta y’Uburundi gutunganya neza ibijanye ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, hamwe n’ugushiraho amasezerano yubahiriza imico n’akaranga vya Afrika, ku bihugu vyo ku mugabane w’abarabu bironderera abakozi mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mubo guhana je mbona harimwo n’igipolisi c’Uburundi, kuko gupakira abantu gurtyo ngira biri mu Burundi honyene. Ahandi ni: "Umuntu n’umusipi umufata" kugira bakinge amasanganya. Bamwe birigwa bashinga amategeko ataco yungura igihugu ivyo ntavyo babona?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.