Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imvura
Muyinga: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imvura
jeudi 19 Nzero 2017
Umuntu umwe niwe yitavye Imana, imirima irononekara ,amazu n’amashuri birasambuka muri Komine n’intara ya Muyinga, inyuma y’imvura irimwo igihuhusi yaguye. kuwa kabiri igenekerezo rya 17 Nzero 2017.
Amakuru ava aho i Muyinga, amenyesha ko inzu zirenga 150, hamwe n’amashure matomato n’ayisumbuye yo ku mitumba yo Kw’Ibuye , Kayenzi na Kasenga arivyo vyasambutse,kubera imvura yaguye ivanze n’umuyaga kuwa kabiri igenekerezo rya 17 Nzero 2017 .
Abajejwe intwaro muri Komine ya Muyinga bamenyesha ko kubera iyo mvura hari n’imirima yononekaye, ahanini igizwe n’ibitoke.
Abo bajejwe intwaro basaba abagiraneza gufasha mu maguru masha abanyagihugu baho ku mitumba yahuye n’ivyago, na cane cane mu bijanye n’ibisakazo vy’amazu hamwe n’ibifungurwa, kuko ataho bariko barabikura muri iki gihe.
IGIHE
Messages
19 Nzero 2017, 12:10, par TUYISABE
NOMURUGARI YEMWEYEMWE NOHEPFOYAHO AHOBITA IMURAMA NOMURYABIHIRA TURA PFA KABISA KUBWURUZUNOMURUGARI YEMWEYEMWE NOHEPFOYAHO AHOBITA IMURAMA NOMURYABIHIRA TURA PFA KABISA KUBWURUZUBA?@’?—
20 Nzero 2017, 18:56, par NTAKIRUTIMANA JERARI
EMWE AHUBWO MUYINGA TURAHONAAAA !!! GASORWE TURISHWE NURUZUBA CANECANE BWASARE NONE MUYINGA NAHO HAHITANYWE NINVURA NONE TUGIRE GUTE MANA MUSHOBORAVYOSE HASIGAYE AHIWAWE
20 Nzero 2017, 22:11, par Vital Ndayishimiye
Baratugarukirako tutarahona
21 Nzero 2017, 07:28, par Grk
Nomunagano Izuba Riratwishe Ahubworeta Umuvyeyi Wacu Ninyarutse Agafashanyo
21 Nzero 2017, 07:32, par Grk
Ntakundi Twese Urapfa Munagano
21 Nzero 2017, 07:38, par Grk
Ntakundi Tweseturapfa Kuko izubariratwishe Imunagano Gatovu
21 Nzero 2017, 07:47, par issa
ereganoneho karabaye. zonerugari namunagano nacumba bishwen uruzuba. zonemuyinganayo yicwenimvura. noneturavahe turavahe?nahimana. hasigay ahimana.
21 Nzero 2017, 10:01, par ryumeko
ibikorane vyubusa bitarimwo kwihana nivyo bizana izuba ninzara kuko ijambo ryimana rivuga ndazinukwa amakoraniro yubusa rondere nimitima imurondera murabe agakiza imana izobaha kubwo kuyumvira nahandi ivyabaye kwa farawo biratubako nitutihana.