IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > NZOBONARIBA : Inama nshingamateka ya Buraya yarakengereye ubwigenge (...)

NZOBONARIBA : Inama nshingamateka ya Buraya yarakengereye ubwigenge bw’abarundi

vendredi 27 Nzero 2017

Reta y’Uburundi imenyesha ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yafashe ingingo kw’igenekerezo rya 19 Nzero umwaka wa 2017,yisunze icegeranyo atarico catanzwe n’ishirahamwe ritegamiye Reta FIDH.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta Filipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi imenyesha ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ihonyanga ingingo z’inama nkenguzamateka na nshingamateka z’Uburundi.

Muri iryo tangazo,Reta y’Uburundi imenyesha kandi ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ikengera ubwigenge bw’abanyagihugu kuko aribo bitoreye inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi.

Umuvugizi wa Reta abicishije muri iryo tangazo,avuga ko Reta itangazwa n’ingene inama nshingamateka isohora itangazo risa n’iryashikirijwe n’ishirahamwe Human Right Watch inyuma y’umunsi umwe gusa ,kandi Human Right Watch yagumye isohra ivyegerany vy’ibinyma kuva imbere y’umwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

  • Mutangiye kubabwa n’ivyemezo Ubumwe bwa Buraya bwafatiye u Burundi,mugume hamwe babafyonde, mugiye mwahinyuka

  • Mutama Nzorihahabona,va muri politique ntayo uzi,igire mu bakukuruke atari uko naho uzogwa mu munyororo

  • None abanyagihugu ntibapfa?ntibafungwa ataco bazira?abasoda ntibirirwa barasana Ku murango habona?reta itangazwa n’iki ga mutama.imbonerakure

  • None nzobonariba abobirigwa barapfa sabantu? cakabiri, kotwirirwa turabona abantu bafatwa bibereye kumirimo yamisiyose bakajanwa gutekegwa ubudumu bwuzuye amazi kumagara, abandi bagahimburwa ibihimba vyirondoka ngo ntibazosubire kuvyara, nayandi mabi ntiriwe ndadondagura, mbesha wewe uvyita umunezero!?, uritondasha burya umusi warwo ntibika, ahomushirabandi mwibuke kwinkoko wangereye mwabandi niyuzogeregwamwo. Nayiyo shingamateka uvuga ngaha muburundi ntayiriho twayihavye kumpanda kera, hasigaye hakora umuzimu, nayumuzimu ivyukora birazwi!. Shingamateka yaburayi ivyo yashikirijwe niyukuri, icaduka ngo niyo reta yasabwe keshi guhagarika ubwicanyi, ahubwo irushirizaho kwongeringuvu ababisha. cagatatu ibihugu vyaburayi vyagovye kurungika abaza gutohoza ivyuburundi mursa hejuru!, none mwibaza umubi ninde? umubi ni reta yahano kuko ntiyifuza kwivyayo bigaragara ahabona vyose. Rero iyo bavuze ivyanyu bamucamwihamba mukimuga mureke kwimaramaza, atanico mucambariye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.