Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Inka zatanzwe mu mugambi PRODEFI zirabangamiwe n’abagizi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Inka zatanzwe mu mugambi PRODEFI zirabangamiwe n’abagizi ba (...)

Ngozi : Inka zatanzwe mu mugambi PRODEFI zirabangamiwe n’abagizi ba nabi

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Zimwe muri izo nka zicibwa ibihimba vy’umubiri wazo nk’amaguru, umutwe, bigatuma zipfa, izindi nazo zikagurishwa.Ubwo bugizi bwa nabi bukorwa n’abantu bataramenyekana.

Aimerance NIRERA avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi aremeza ayo makuru ariko agashikiriza ko bataramenya igitigiri c’inka zoba zimaze kwicwa.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yongera akamenyesha kandi ko muvyo bameze kumenya ari ibijanye n’inka zimaze gufatwa zigiye kugurishwa.

Abantu 3 muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozinibo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Aimerance NIRERA avuga ko uwufashwe agiye kugurisha izo nka aca apfungwa, inka nayo akayakwa ubwo nyene igaca ihabwa uwo bakurikirana ku rutonde rw’abazihabwa.

JPEG - 51.4 ko
Aimerance NIRERA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.