IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umugabo n’umukobwa wiwe bafashwe basambana

Ngozi : Umugabo n’umukobwa wiwe bafashwe basambana

vendredi 9 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo mugabo azwi kw’izina rya MINANI Evariste yafatiwe mw’ishamba (mu mwonga) mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, ari kumwe n’umukobwa wiwe w’imyaka 18 azwi kw’izina rya HABONIMANA Evelyne.

Musitanteri wa komine Mwumba, Emmanuel NDAYIZEYE avuga ko uwo mugabo yari yahinduye umwana wiwe umugore.

"Uwo mukobwa wiwe yaramugize umugore kuko baravyaranye n’umwana mu kwezi kwa mbere, hanyuma uwo mwana baca baramuniga bamuha imbwa ziramurya."

Uwo mwigeme yafashwe asambana na se yaheruka gusohoka agasho yari amazemwo amezi atandatu, nk’uko bivugwa na Musitanteri wa komine Mwumba.

Uwo mugabo apfungiwe mu gasho ka komine Ngozi yarasambanije kandi utundi dukobwa twiwe dutatu turi munsi y’imyaka 10, ibipimo vyo kwa muganga bikaba vyerekanye ko ari ivy’ukuri abo bandi bana nabo bafashwe ku nguvu, mbere umwe muribo akaba yahavuye yitaba Imana.

Musitanteri wa komine Mwumba Emmanuel NDAYIZEYE akaba yasavye umushikirizamanza mukuru w’intara ya Ngozi, ko uwo mugabo hamwe n’uwo mukobwa wiwe bocirirwa urubanza rw’ikibiriraho, kugira iyo ngeso ituzwe muri komine arongoye.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.