Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umuhuza w’abarundi yatanze intererano y’amatora ya 2020
Ngozi : Umuhuza w’abarundi yatanze intererano y’amatora ya 2020
vendredi 16 février 2018
Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yatanze amafaranga imiriyoni zitatu z’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihugu, mu gisata cayo mu ntara ya Ngozi.
Abategetsi b’igihugu batari bake baramaze guterera amatora, kuva ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yatanze imiriyoni zitanu z’amarundi, ayacishije mu gisata c’Ibanki Nkuru y’Igihugu mu ntara ya Ngozi nyene.
Mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.
MUGISHA Van Naris
Messages
16 février 2018, 17:23, par kankindi
bafise menshi
17 février 2018, 08:47, par ETIENNE ninteretse
Zamurampa amakuru
17 février 2018, 08:49, par ETIENNE ninteretse
Nipfuza kuronka amakuru daily
17 février 2018, 12:51, par Tharcisse Musavyimana
Ndabaramikije twebwe turi hanze turifuza kuterera mu matora naho tutazoyajamwo kubera Ata wuduserukira muri iki gihugu tukaba twifuza ko tworonswa No za Conte twoshirako ayo turonse kugirango duterere igihugu cacu Murakoze
17 février 2018, 14:48, par Busurahende
Igitigiri c’amahera akenewe kiramaze gukwira kuko ayari abuze umuhuza yaraye ayasizemwo. Ntihagire rero uwo bazosubira kugora bakata umushahara canke bamwaka amananiza
17 février 2018, 20:21, par Nzeyi
Turi mubukene nta terambere bobo ikibaraje inshinga nugutora none igihugu cacu kizogarukira hehe ?????