IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umwana w’imyaka 13 yishwe na se amuvyara

Ngozi : Umwana w’imyaka 13 yishwe na se amuvyara

mercredi 19 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Pascasie Ncutinamagara, umwana w’umwigeme w’imyaka 13 yishwe n’inkoni yakubiswe na se amuvyara, amuhoye ko yariko amwishuza amafaranga yari amufitiye agera ku bihumbi bitatu n’amajana atanu y’amarundi.

Uwo mugabo yishe umwana wiwe azwi kw’izina rya Joseph Niyonzima, bikaba vyabereye ku mutumba Camugani, zone Ngozi, komine Ngozi, mu ntara ya Ngozi nyene.

Nk’uko abajejwe intwaro bavyemeza, uwo mugabo yari yagurishije itongo, umwana wiwe w’umukobwa abimenye ko yaronse amafaranga, aca amwishuza ayo yari amufitiye agera ku bihumbi bitatu n’amajana atanu (3500 Frs Bu). Uwo mugabo yagirije uwo mwana wiwe ko atagira indero, aca amurengerako n’amahiri aramukubita gushika aho yitaba Imana.

Igiporisi caciye gifata uwo mugabo, ajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Ngozi, aho arindiriye ko akorerwa dosiye kugira ashikirizwe ubutungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.