IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Nta ngaruka mbi ku bikorwa vy’umurwi CNIDH’’-BARIBONEKEZA

’’Nta ngaruka mbi ku bikorwa vy’umurwi CNIDH’’-BARIBONEKEZA

lundi 5 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshemakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ntwarante 2018, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye umurwi CNIDH yamenyesheje ko hari abiyita ko bari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bakorera hanze y’igihugu, batanga inkuru zitari zo zerekeye ibikorwa vyawo mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu kw’isi FIDH.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA, yavuze ariko ko, atishimira ugutakaza ikibanza ku murwi arongoye, ariko akamenyesha ko vyavuye ku vyegeranyo vy’ibinyoma vy’amashirahamwe y’abarundi bari hanze y’igihugu yiyita ko adaharanira ivyicaro vya poritike nka, APRODH, ACAT, FOCODE n’izindi batanga mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu, hama iryo shirahamwe rikabikorerako.

Umukuru w’umurwi w’igihugu CNIDH, amenyesha kandi ko ayo mashirahamwe y’abarundi bari hanze y’igihugu, yagerageje kwegera umurwi arongoye, ngo bakorane mu gutanga inkuru zijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu kandi atarivyo bajejwe, hamwe n’izindi nkuru zityoza uburundi n’abarundi, uwo murwi w’igihugu arongoye uravyanka, ari naco catumye ayo mashirahamwe atangura gutanga inkuru z’ibinyoma zerekeye ibikorwa vy’uwo murwi.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko, bagiye gukora ibishoka vyose mu gukora akazi kawo, kugira ugarukane ikibanza wataje.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.