Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntahiraja: ’’Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’
Ntahiraja: ’’Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’
dimanche 12 Ruhuhuma 2017
Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yemera gukorana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu.
Mu myiyerekano yatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura yo kwiyamiriza icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, Therence NTAHIRAJA yavuze ko ico cegeranyo arico ibinyoma.
Therence NTAHIRAJA umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yamenyesheje ko ivyegeranyo nkivyo bisohotse kugira bigire ingaruka ku biganiro bibera i Arusha.
Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yaboneyeho akaryo ko kubeshuza ko ibitigiri bitangwa vy’abarundi bahunga igihugu kubera bahohoterwa atari vyo.
Mwomenya ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu ntara zose z’Uburundi.
IGIHE
Messages
12 Ruhuhuma 2017, 12:52, par Levis
Iyo Myiyerekan Nimyiz Itsimbataz Amahor Igasambur Ibinyoma
12 Ruhuhuma 2017, 13:36, par muco
mwaratomboye mutwara intama mujimbere zigakurikira zitaz niyozija iterambere kugihungu nabanyagihugu baz iciz nikib Abahaz ngonimuz mwibarabara naw ukagenda wiruka por san
12 Ruhuhuma 2017, 16:32, par muhanuzi
uwutaranigwa agaramye avugako ijuru ririhafi.
12 Ruhuhuma 2017, 20:35, par Hafsa Mossi
Murabesha abandi, aba DD muzopfa muyerera nka Gahini
13 Ruhuhuma 2017, 08:17, par mzoyihera intagoheka
Jewe ivyahano muburundi birantagaza! harigihe nibaza kuburundi butwawe nabana!, bikananira kuronka umurwi nobashiramwo!. Mbega kujamumabarabara bizohinduriki? canke bidufashiki twebwe ? canke nugutumutwe, nuguteshumute izimburakimazi zibura gufata umwanya wokuja kubikorwa bakaja gusarira mumabarabara! uwomwanya basara mumabarabara niko ninzara izobasobesha, abobabahenda ntaco bozobafasha nakimwe. Nayivyegeranyo bishikirizwa na ONU nivyukuri nivyukuri, ntabubeshi burimwo, abahohoterwa bariko barahohoterwa biteye ubwoba.
13 Ruhuhuma 2017, 12:04, par Athanas
Mwabaye gute?uvuzeko bavuze ibinyoma nuko wozana ukuri kwawe,nn ibikorwarusangi mwabihinduye imigumuko?barabaraba neza babe bararwiza ibitaro vyabafise ubumuga bwomumutwe!
16 Ruhuhuma 2017, 15:15, par SERGES
ONU IRAGATSINDWA IBURUNDI BWANYABURUNGA.PETERO NKURUNZIZA,KOMERA KWIBANGA IMANA YAGUHAYE