IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntibantunganya:’’Birakenewe ko hajaho umurwi ukurikirana ubumwe (...)

Ntibantunganya:’’Birakenewe ko hajaho umurwi ukurikirana ubumwe bw’abarundi’’

jeudi 9 Ruhuhuma 2017

Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko bikenewe ko hajaho umurwi w’igihugu ujejwe ubumwe bw’abarundi,nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro rya Repubika y’Uburundi.

Mu gihe haheze imyaka 26 abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, Syvestre NTIBANTUNGANYA amenyesha ko bafatiye ku baganiriye ku masezerano ya Arusha,abateguye ibwirizwa nshingiro n’abanyagihugu baritoye,ni ngombwa ko uwo murwi wojaho,uretse gusa hari ikibazo kihari kivuye kuri wo.

Kubwa Sylvestre NTIBANTUNGANYA abanyagihugu bo bemeza ibwirizwa nshingiro, barafise uburenganzira bwo kumenya igituma umurwi w’igihugu ukurikirana ubumwe bw’abarundi utarashurwaho.

Uwo yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko hari ibindi bikenerwa kugira ubumwe butsimbatare,ivy o navyo ni kwubahiriza agateka ka zina muntu,uburenganzira bwo guhurira hamwe, no kugira uburenganzira bw kuja mu matora atunganijwe mu muco kandi yitabwe na benshi.


IGIHE

Messages

  • Erega abadutobera nibariya babikigi bacabatora bamwe bomuritwebwe bakabahendesha uduhera maze bagatangura kwisuka kumakambi yabasirikare bigihugu cacu cuburundi noneho abasirikare bivuna umwansi mujubahasha ababiligi urabona kobatunze kuturusha uraziko nubutunzi bwacu bwishi igihebadukoroneza barabushombeye iwabo bararuha, kubwivyorero iyobagiye mumakungu atabdukanye bavuga ivyokorwa kugira uburundi baburenganye kukagagazo bicavyemerwa ukurikwamye, ariko twavyihanganiye kuvakera uburero twase maze natwe mukuvyanka twikoze kuncuti tuzisigurira ukobakaturenganije kuvakera maze baratwenera mwibanga atihangana nabo turinyuma yanyu.
    Ntibantunganya namba utigirisha nkankana ibinvuze urabizi kandi ntamurundi numwe uyumusi atabizi ekayemwe nabobabirigi nibaza kobamaze kubona kohababa, kandi nibakomeza guhatirira ngobashaka guhasha abarundi nuburundi bazobona ako Goriyati yabonye akeretswe naka Dawidi.

  • Abarundi tuje hamwe , twiyunge ntiduhendwe namakungu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.