Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutungane ntibwari bwakore ku mashirahamwe yahagaritswe
Ubutungane ntibwari bwakore ku mashirahamwe yahagaritswe
lundi 7 Munyonyo 2016, par
Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ryakiranye umubabaro ingingo yafashwe y’uguhagarika burundu amashirahamwe atanu yigenga, hamwe n’ayandi atanu yahagaritswe vy’agateganyo.
Muri OLUCOME bamenyesha ko ayo mashirahamwe yahagaritswe ari ayaharanira agateka ka zina muntu, mu gihe Uburundi bwemeje amasezerano mpuzamakungu y’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu nawe akagirizwa ko yafashe ingingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe mu gihe ubutungane butari bwumvirize abegwa n’iyo ngingo. Kubwa OLUCOME, iyo ngingo yoba yaturutse ku gashavu ka bamwe mu bari muri Reta, kubera icegeranyo ca ONU kivuga ivy’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi.
- Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME
Ishirahamwe OLUCOME risaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yogaruka ku ngingo yafashwe, amashirahamwe yahagaritswe agasubira gukora.
Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi aheruka guhagarikwa kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi. Ayo mashirahamwe atakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi ni APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP.
Ayandi mashirahamwe yahagaritswe vy’agateganyo ni :
COSOME : Coalition de la Societe Civile pour le Monitoring des Electorale
CB - CPI : Coalition Burundaise pour la CPI
UBJ : Union Burundaise des Journalistes
Ligue ITEKA
SOS TORTURE BURUNDI
IGIHE
Messages
7 Munyonyo 2016, 16:35, par nibafatwe
Ahubwo bari barayatebeje niyo yahamagariye abantu kugumuka mbere yanafasha mumugambi igayitse wo gusenyura inzego twebwe abenegihugu twitoreye.ayo niyo yatumye abataribake bishora kwica abandi nokwicwa.
Ahubwo nibabafate nyabuna babashikirize ubutungane izonyankaburundi mbe ngo bavugira bande atarinda zabo?mugihe basabira ibihano igihugu cacu kandi bazi neza ko twebwe bato aritwebwe bibabaza?hama ngo baratuvugira kuri bagaza na kabuyoya batigeze bazwira abantu baricwa ntawabavugira ariko tucariho.umwe ati impene zama zibagwa ariko ntizihona Imbwa ntizibagwa ariko ntizigwira kimwe zikomeza kurya iyama zimpene.
7 Munyonyo 2016, 18:54, par nivyiza iwawe
naho ww uriko uratukana ntakundi nindayaw iriko ikuvugsha kuberihaze mbe bagaza na buyoya nibo bamubwiye yihe ikirigo cagatatu reka kubabshara.ahubwo nibakurabeneza harigihe wasangari ww urikuratwicisha izara kubera indayawe.niwikebuke kuvyuvuga muta nyambi mbombo yakuryoheye nuyirire ntiheve ibozamenyo yawe muta komera
8 Munyonyo 2016, 08:07, par tari
Rufyiri ndagushimiye cane uri mvuga kukiri twogira abarundi beshi bavyumva nkawe igihugu cokira nta kabuza naho uwo yidigadize ngwarayahagarika yaribeshe kuko ntayagaba ahubwo ubu niho agiye gukora nya gukora
8 Munyonyo 2016, 08:26, par Morodikayi Jon
Nyakubahwa Gbriel RUPYIRI, ukubibona iyaba uwomushikiranga ariko yabibona muburundi hobayeho amahoro. Nkuko ubivuze abategetsi bahano muburundi, ivyobakora babikoreshwa ni shavu, ninacogituma atacobazoshikako coza giteza uburundi imbere, nayivyo bavuga ngo ayo mashirahamwe yakozenabi, ntayomashirahamwe yokozenabi. muvyo bakoze ntakosa turakabonamwo, amakosa abonwa nuwo mushikirangaji,hamwe na CDD FDDD kuko batifuza kwa mabi bariko barakorera abenigihugu kwamenyekana. Iconovuga kurabo barongozi bayo mashirahamwe nibakomere kwibanga na bagabo, batashinze amashirahamwe batumwe ninzara, baronderera kazoza keza kumunyagihugu, ariko vyose bizohinduka, kuko umuryakuri yanye atsinda.
8 Munyonyo 2016, 08:27, par Morodikayi Jon