Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME : Isoko yahawe BCCO ntiyubahirije amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Isoko yahawe BCCO ntiyubahirije amategeko

OLUCOME : Isoko yahawe BCCO ntiyubahirije amategeko

vendredi 30 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iryo shirahamwe rimenyesha ko isoko ryo kwegeranya umucafu mu gisagara ca Bujumbura ryahaye BCCO ko ritakwirikije amategeko.

OLUCOME ivuga ko mu gutanga iryo soko, igisagara ca Bujumbura cashize ku ruhande amashirahamwe 18 yari asanzwe arangura ico gikorwa, ku mvo z’uko ata masezerano ayo mashirahamwe yagiranye n’igisagara ca Bujumbura. Ayo mashirahamwe akagirizwa ko atashoboye igikorwa yari yihaye c’ugukura umwavu mu ngo zo mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Muri iryo kete, OLUCOME yibutsa ko ayo mashirahamwe 18 afise amasezerano n’igisagara ca Bujumbura, aho rimwe rimwe muriyo ryategerezwa gutanga ingwati ry’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi, hamwe n’ukuba rifise umuduga, ibikoresho vyo gupakira no gupakurura hamwe n’abakozi bakwiye.

OLUCOME imenyesha ko ayo mashirahamwe atabona kazoza kayo kuko yari asanzwe afise amasezerano n’abakozi bayo batakaje akazi, hamwe n’ingurane mu ma banki.

Muri ryo kete, ishirahamwe OLUCOME risaba ko isoko ryahawe ishirahamwe BCCO ryohagarara kugira barenganure ayo mashirahamwe 18 mu ntumbero yo gutorera umuti iyo ngorane iri hagati y’igisagara ca Bujumbura n’ayo mashirahamwe n’isoko ryo guhiganwa rigakorwa hakwirikijwe amategeko.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ubushikiranganji bw’intawaro yo hagati mu gihugu ko bwofasha vuba kugira igisagara ca Bujumbura cicarane n’ayo mashirahamwe 18 muntumbero yo gutorera inyishu hamwe y’ico kibazo .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.