Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Reta ishaka kununuza umunyagihugu akenye
OLUCOME : Reta ishaka kununuza umunyagihugu akenye
lundi 26 Kigarama 2016, par
Inyuma y’aho inama nshingamateka y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko ijanye n’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2017, ishirahamwe OLUCOME rivuga ko iyo nteguro ije kubandanya gushira mu bukene abanyagihugu bari basanzwe bafise amikoro make.
Mw’itangazo ryasohoye, iryo shirahamwe ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatunga ya Reta, rimenyesha ko muri iyo nteguro, Reta y’Uburundi itegekanya kuduza amatagisi ku bintu vya nkenerwa ku banyagihugu basanzwe bakenye. Gabriel RUFYIRI umukuru wa OLUCOME akamenyesha ko iyo nteguro ataho itaniye n’ukununuza umunyagihugu.
Mu gihe amafaranga agera ku miriyaridi 700 yahora atangwa n’abafasha Uburundi atakibonetse kubera ibihugu vyahagaritse imfashanyo zahora zitangwa, muri OLUCOME bavuga ko ayo matagisi azokwongerezwa azokora ku banyagihugu bato bato, ivyo navyo bikakwunyura ubukene bwari busanzwe buhari.
Muri OLUCOME basaba Reta ko yoronderera amafaranga akenewe mu mugambi wa "Charroi zéro", kuko imiduga ya Reta igurishwa amafaranga make.
Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2017. Ni amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi igihumbi n’ijana na mirongo itanu na zibiri, aho mukamenya ko ibice bigera kuri 70,7 vy’ayo mafaranga bizova mu makori y’abanyagihugu bo mu Burundi, ayasigaye agera ku bice 29,3 ave hanze y’igihugu.
IGIHE
Messages
26 Kigarama 2016, 14:52, par JEAN
AMAKORI TUZOYATANGA TUTIDOGA KUKO IMFASHANYO ZIDUCANISHAMWO TWARAZIHIMVYE.
26 Kigarama 2016, 20:25, par Jaen
Retanirabeyorohereze Abenegihugukukontiboroheweninzara,ivyobicenikirenga Murakoze
26 Kigarama 2016, 21:30, par Nema
None Uyo Ko Ahembwa Nabo Babirigi Mugusambura Igihugu Arabura Kutavugira Mubihanga . Ikori N’ Ukuritanga Atamwidogo Rufyiri Nawe Ni Rufyiri Nyene !
26 Kigarama 2016, 21:43, par VICTOIRE
Wewe ugiye gufasha leta manza ufashe abarara ubusa uragenda uhere i nyanza lac ushitse mu kirundo uruzuba rwononye imirima imana igufashe
26 Kigarama 2016, 23:27, par Kanyosha
Ayomakori nubwo tuzohangayika mukuyatanga tuzoyatanga ariko tugure ijambo mugihugu cacu atamubirigi aduhagaze mwizosi.
27 Kigarama 2016, 09:24, par Rukundo Michel
ama taxe tuzoyatanga nyene kuko igihugu ni gwacu kuko ni twebwe dutegerezwa kugiteza imbere kuko hako boduha imfashanyo bakaguma baduteza ivyago botuma bayihoza tukaguma dukenye ariko dutekanye
27 Kigarama 2016, 15:14, par Gatwi
Aho Muvuga Uko Naho Bayabahako.Ugir Ntituri Mu Burundi Twese?Aho Muri Aba D D Nic Gituma.
27 Kigarama 2016, 20:11, par KARIMUNDA
EMWE NIMURE KWIGUMYA CAHEZE
28 Kigarama 2016, 09:13, par jean claude
Vyanka vyakunda tuzoguma twifashe
29 Kigarama 2016, 10:44, par Bigirimana Emmanuel
Ego nibagerageze twiyunge koko ntitwokwama twizeyinze,natwe twibeko.