IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta gushiraho umurwi ugenzura uko uburyo bwo kurwanya (...)

OLUCOME isaba Reta gushiraho umurwi ugenzura uko uburyo bwo kurwanya malaria n’inzara bukoreshwa

jeudi 16 Ntwarante 2017

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gutunganya ikoraniro mpuzamakungu ryo gusaba infashanyo yofasha kurwanya indwara ya Malariya n’inzara vyibonekeza mu gihugu.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, risaba Reta gutunganya iyo nama mpuzamakungu iri kumwe n’abafasha Uburundi hamwe n’ishirahamwe OCHA kugira begeranye imiliyoni 104 z’amadorare y’abanyamerika akenewe.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kumenyesha ko abarwaye indwara ya malariya bazovurwa ku buntu, igatanga imisegetera ku buntu kandi bigakorwa mu muco.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta risaba ko Reta yoshiraho umurwi wigenga ujejwe kugenzura ingene uburyo bukoreshwa mu mugambi wo kurwanya indwara ya malariya hamwe n’inzara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.