Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta kwemera ko hari inzara kugira amakungu afashe
OLUCOME isaba Reta kwemera ko hari inzara kugira amakungu afashe
jeudi 23 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kudafata minenerwe ikibazo c’inzara cugarije abarundi mu ntara zitandukanye z’igihugu.
Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, OLUCOME iranegura imvugo ikoreshwa na bamwe mu barongozi b’igihugu aho bafata ibisanzwe inzara yugarije abanyagihugu.
Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryisunze ivyavuye mu rugendo rw’umurwi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi aho basanze ko umwimbu wagabanutse gushika ku bice 40 kw’ijana,rikisunga kandi ingingo y’ubushikiranganji bw’imigenderanire bushira Uburundi mu bihugu bikenewe gufashwa, ata nkeka inzara ihari mu Burundi.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha kandi muri iryo tangazo ko ritewe impungenge no kuba ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bwarahakanye ivyegeranyo vyemeza ko mu Burundi hari inzara, bukemeza ariko ko igihugu c’Uburundi kidakeneye infashanyo.
Mu kurangiza ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kwemera ko hari inzara mu gihugu, kugira isabe amakungu gushigikira igihugu.
IGIHE
Messages
24 Ruhuhuma 2017, 07:28, par TUMUOMBE
NOSABAKOBOBAGARUKIRAKOKUKOIZUBARYARABICIYEIMIRIMA
27 Ruhuhuma 2017, 18:26, par Kandikandi
Nukuri uravuze neza ubukene inzara dufise ntitworohewe burira umuntu agahiga icaryamikisha abana akakibura ariko abategetsi ngontanzara ihari nimba izuba ryace kugatasi bobo batari muburundi sinzi mugabo reka dusabe imana niyonkuru harigihe tworonka iyimpeshi kumbe tugahengeka ariko baciye umugani bavugango nyamwigendako ntarimira impeshi none tworimaho imbuto tuzoyikurahe kombona amasize aringaho kubera twabuze imbu