IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta y’Uburundi kugabanya iminsi mikuru

OLUCOME isaba Reta y’Uburundi kugabanya iminsi mikuru

lundi 6 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatung ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gufata ingingo zikomeye mu bijanye n’ubutunzi,harimwo kugabanya iminsi mikuru mu ntumbero yo kurwanya inzara iri mu gihugu.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru wa OLUCOME Gabriel RUFYIRI kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma umwaka wa 2017, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rirajwe ishinga n’iminsi mikuru myinshi ituganywa na Reta kandi abanyagihugu bugarijwe n’ubukene n’inzara.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko naho iminsi mikuru ifise insiguro nziza mu kibano, igihe ibaye umurengera bica vyononekara ,mu gihe abarundi barenga ibice 50 kw’ijana bari mu bibazo vyo gufungura nabi.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta rimenyesha ko,umunsi mukuru w’Ubumwe bw’abarundi uhimbazwa igenekerezo rya 5 Ruhuhuma, uno mwaka wa 2017 ukaba wahimbajwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma waje kwunyura ibintu kuko hari abafungura aruk bagiye ku mirimo.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kwemera ko hari ubukene mu gihugu,igafata kandi ingingo zikenewe zo kurwanya ubukene mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • None Ko Utugiririmpuhwe , Ko Abarundi Twishwe Na Kigoyi Vyagenzegute Ngo Mukudusabira Ibihano ? Uko N ’ukudukunda ?

  • Jewe uyumugabo ivyavuze sintahuye ico ashatse kuvuga!
    Ngohabaye umusimukuru inzara icayunyuka!?
    Ngo reta niyemere ko mu Burundi harubukene!?
    Yemwe reta yama yamivuga komu Burundi harubukene yagiyehe?
    Kandi nimyanzuro yokurwanya iyonzara ikomeza gufatwa na reta.
    Ariko nkabakwibarutse ubona batahomvye kubona wirirwa ugogotera ahowicaye hakuja kukimvi nkabandi?
    Erega burya iyubona urya wahezakurya ukaja gupinga wivugisha iyanayana.

  • Myakubahwa mukuru wa OLUCOME wavuga nuko ubwira intumva! ivyo vyinzara navyo ubabwira ntavyo banezwe, burya iyurinze ubona umugabo murugo yubahutse kuvuga kwabana bashonje, canke agatahura kumwana arayubusa abarumushingantahe abazovayo. Iconabonye haniwacu, abitwa ngo nabategetsi ubabwire ibijanye ninda zabo, aho batora inamba yambere, nuzuraruta ariko sinzi koharico bazovamwo, kuko ngubuza gutagata burabira, kandingo ugwama gwama kare!?, icobazi barazi gutesha umwanya abenigihugu atanico batumariye.

  • Aho Uzovuga Namate Akame.?Abo?Ubwo Bukene Uvuga Barabuzi?Twebwe Ni Twe Tububona.Nayo Bo Nukutununuza Bagira Imisi Mikuru Idakenewe.Bibuka Abanyagihugu Amatora Ageze Wo Mengo Baradukunda Ariko Sivyo Kko Bamenya Imiryango Yabo Gusa.Yoyo Usanga Iteye Imbera Abandi Tuguma Tuja Habi Cane.

  • none iyo OLUCOME siyo yasabiye ibihano uburundi n’abarundi , none iriko iritoza utunyoni!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.