IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta gusohora urutonde (...)

OLUCOME isaba ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta gusohora urutonde rw’ibidandazwa bitariha ikori

vendredi 12 Rusama 2017

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama, umwaka wa 2017, OLUCOME isaba ko Reta yokwongereza ikiringo ku mezi atatu yari ategekanijwe kugira iyo ngingo igire akarusho kaboneka ku buzima bw’abarundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba Inama nshingamateka gushiraho umurwi w’abashingamateka wofasha gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’itegeko rikura amatagisi ku bidandazwa, ugatanga icegeranyo uko ukwezi guheze, kugira ntihagire abadandaza bikika mu kiza.

Reta y’Uburundi iheruka kwemeza itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe vyinjizwa mu Burundi bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. Ico kiringo ni ico kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2017 gushika kuwa 27 Mukakaro 2017.

Iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 ryatanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2017, inama nshingamateka y’Uburundi niho yatora integuro y’itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. N’inama nkenguzamateka hamwe na nshikiranganji zaremeje iyo nteguro, hakaba hari hasigaye ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariterako umukono.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.