Home > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umushikiranganji w’ubutare n’agataka kugabanya igiciro (...)
OLUCOME isaba umushikiranganji w’ubutare n’agataka kugabanya igiciro c’igitoro
Monday 20 August 2018, by
Mw’ikete inomero 012/OLUCOME/08/2018 ryo kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro, ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umushikiranganji w’ubutare ,agataka n’amasoko ntanganguvu ,Gabriel RUFYIRI amenyeshako ryakiranye umubabaro kubona igiciro c’igitoro cadugijwe mu gihe uyu mwaka nyene mu kwezi kwa mbere caheruka kuduzwa.
Gabriel RUFYIRI avuga ko iryo duza ry’igiciro c’igitoro rituma ibidandazwa bimwe bimwe bica biduga igiciro mu gihe n’ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kugura ivyo bakenera mu buzima butera bugabanuka.
Uyo arongoye OLUCOME amenyeshako igiteye amakenga aruko Reta kuri buri ritiro ridandajwe ironka amafaranga ari hagati ya 10 na 20 kugira hatunganywe ikigega c’intega bizoza c’igitoro ariko gushika ubu ico kigega kitarabaho.
Gabriel RUFYIRI avuga ko mw’itangwa ry’amafaranga y’agaciro ku mashirahamwe arangura igitiro bitabamwo umuco bikaba vyatumye amashirahamwe amwamwe aheba urwo rucuruzwa kubera kubura ayo mafaranga y’agaciro.
Gabriel RUFYIRI arangiza asaba uyo mushikiranganji gushiraho umurwi nyabutatu ugizwe n’abo muri reta,amashirahamwe adaharanira inyungu za reta hamwe n’abikorera utwabo kugira ikibazo kijanye n’iduzwa ry’igitoro came gikorwa hisunzwe ubushobozi bw’abanyagihugu.
IGIHE
Forum posts
20 August 2018, 20:05, by Nkundigihugu
Mutubarize uko yabisanze kw’isoko mpuzangu. Mbega ho mu karere vyifashe gute? Apana kivuga pour kuvuga kuko abarundi turatembera
22 August 2018, 13:04, by Isaac Nduwayo
Kuvyukuri ibitoro caduze hose si muburundi gusa baza Ababa haze mubihugu vyuburayi barababwira uko bimeze hari abatakigendesha imiduga kubera igitoro bakoresha pabric transport bus canke train nyakubahwa RUFYIKIRI tohoza wumve kwisoko mpuzamakungu uko vyifashe hanyuma ugire ico muvuze
25 August 2018, 19:52, by Ndarishikanye charles
Mamamaaa!! Biragoye cane kwel!!
11 September 2018, 19:39, by nyabenda
iduzwa rwigitoro
si Burundi gusa
olucome ivuga ivyo itazi
kugira ace amanota kuri bamwebamwe
jewe mba muri Canada
ubu ngenda namaguru
Kubera igitoro kirazivye cane