Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME ivuga ko amahera yagenewe indege y’umukuru w’igihugu ari (...)
OLUCOME ivuga ko amahera yagenewe indege y’umukuru w’igihugu ari ubusuma
samedi 16 décembre 2017
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje abashingamateka ko indege irerura umukuru w’igihugu ikenera uburyo butari buke nko kuyirihira amahera yo kurinda impanuka (assurance), gusubiriza ivyuma vyononekaye, n’ibindi vyinshi.
Gabriel RUFYIRI atwara OLUCOME ntabibona ukwo, akavuga ko ari ubusuma bukabije, akababazwa n’ingene abashingamateka bemeje iryo tegeko.
Avuga ati : « Kuva muri 2006 bagurishije Falcon 50,indege yarerura umukuru w’igihugu, Reta yagumye ishiraho amafaranga y’indege y’umukuru w’igihugu, ariko gushika n’ubu ntituzi ico ayo mafaranga akora n’iyo aja.Kubona abashingamateka bemeza iyo nteguro y’itegeko, vyerekana ko atanakimwe bamariye ababatoye. »
Amafaranga yagenewe kubungabunga (entretien) iyo ndege yongeweko imiriyoni 500 kuyari yategekanijwe muri 2017.Iyo ndege ikaba yashikanywe mu Burundi mu mwaka wa 2016 ikaba itaraguruka.
Pacifique BUKURU