IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME imenyesha ko amasoko ya Reta agitangwa hadakurikijwe (...)

OLUCOME imenyesha ko amasoko ya Reta agitangwa hadakurikijwe amategeko

lundi 23 octobre 2017

Mw’ikete ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko mu nama zabaye mu ndwi yo kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 9 Mukakaro 2017, umukuru w’inama nkenguzamateka yagarutse ku bantu batoze amakori n’amatagisi biyitirira ko barungitswe n’abari hejuru.

Muri iryo kete,ishirahamwe OLUCOME ryibutsa ko mu ntumbero yo kunyuruza amatunga ya Reta, abo biyitirira ko bakorera ikigo OBR bari bashinze ibirindiro vyo gutoza makori n’amatagisi mu mazone ya Musaga,Kamenge,Kanyosha, Gatumba no mu gice ca Kanga kw’ibarabara rija mu ntara ya Bubanza bishimikije ko bashigikiwe n’abari mu nzego zo hejuru.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo gutoza ikora cabke itagisi bihushanye n’itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha ,itegeko rigenga amafaranga amakomine akoresha hamwe n’ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME rikamenyesha ko inyuruzwa ry’ubutunzi bwa Reta ribandanya biciye muri izo nzira kuko hari amasoko ya Reta gushika ku bice 70 kw’ijana atangwa hadakurikijwe amategeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.