Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME imenyesha ko ata mwumvikano wabaye mu kwemeza canke guhakana (...)
OLUCOME imenyesha ko ata mwumvikano wabaye mu kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro
lundi 18 décembre 2017
Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza William Benjamin Mkapa, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryaguye mu gahundwe ryumvise ko kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, hatanguzwa isekeza ryo gusigura ibigiye guhinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ridashimishwa no kubona uruhande rwa Reta rutabicishije mu biganiro bitunganywa, rikabonako igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ari uguhonyanga umwumvikano washitsweko mu biganiro bigira kane vyabereye i Arusha, ikaba kandi n’inzira idahumuriza ku Burundi.
Muri iryo kete, Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ritangazwa no kubona hari ukwihutira guhindura ibwirizwa nshingiro, mu gihe hari ibindi bibazo bikomeye bihanze abarundi, rigatangazwa kandi no kuba ata bandi bantu bazi ibiri mw’ibwirizwa nshingiro rishasha atari abarongozi b’umugambwe CNDD-FDD.
- Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME
Ishirahamwe OLUCOME risaba ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,kugabisha umuntu canke ishirahamwe rishikiriza ibinyoma ku bijanye n’ibiganiro vyabereye hanze.
MUGISHA Van Naris