IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba Reta gutegura amafaranga ikoresha yisunze kuronsa akazi (...)

OLUCOME risaba Reta gutegura amafaranga ikoresha yisunze kuronsa akazi urwaruka n’abakenyezi

mercredi 10 janvier 2018

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kur’uyu wa gatatau igenekerezo rya 10 Nzero 2017, iryo shirahamwe rimeneyesha ko ryisunze ibitigiri vyerekana integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, iyo nteguro ariyo gukoresha amafaranga gusa, ariko ataco yinjiza.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko ryagize amatohoza,rigasanga Reta ubwayo ntiyoshobora gukora imigambi mu gihugu, ikoresheje amafaranga avuye mu gihugu hagati yonyene.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryisunze ivyegereanyo vya sentare ijejwe kwubahiriza ubutunzi hari amafaranga ava mu gikorwa co kugarukana amahoro gikorwa n’abasirikare b’abarundi mu mahanga ataboneka aho akora mu nteguro y’amafaranga Reta Ikoresha.

Ishirahamwe OLUCOME rigasaba Reta ko mu nteguro y’amafaranga Reta ikoresha yoshiramwo igisata cerekana amafaranga ava mu basirikare ba AMISOM mu gihugu ca Somaliya na MINUSCA mu gihugu ca Centrafrique, kugira amafaranga ya Reta ntanyuruzwe.

Ku ruhande rw’abashingamateka n’abakenguzamateka, ishirahamwe OLUCOME ribasaba ko bosaba ko haba ibikorwa vyo kugenzura amafaranga ava mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya na Centrafrika hamwe no mu gisata c’ubutare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.