IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba Reta kugabanya amatagisi atozwa ku gitoro

OLUCOME risaba Reta kugabanya amatagisi atozwa ku gitoro

vendredi 26 janvier 2018

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko icegeranyo c’umurwi ujejwe intwaro mu nama nshingamateka cerekanye ko ku mashirahamwe 6 yadandaza igitoro mu Burundi imbere y’umwaka wa 2015, abiri yonyene Interpetrol na Kobil ariyo asigaye akora.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igiciro c’igitoro kiduga cane, Reta ikura ku gitoro kidandazwa ku bituro, amatagisi ashika ku bice 40 kw’ijana, itisunze ayandi makori n’amatagisi, kandi Reta ikinjiza igitoro igicishije mw’ibarabara kandi kizimvye, aho cocishijwe mu mazi, ari naho coshika kizimbutse.

Muri riyo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, igihugu nk’Uburundi kidakora kw’ibahari, kidashobora kubaho kidafise ikigega c’igitoro co gusahiriza mu gihe cokena.

JPEG - 64.2 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rigasaba Reta gusubira gushiraho ikigabane kivuga ku mafaranga yokoreshwa mu gutegekanya kazoza mu gisata c’igitoro, kugira hajeho ikigega c’integabizoza c’igitoro.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba kandi Reta gushiraho imigenderanire myiza n’abayifasha, kugira babandanye gufasha Uburundi, igabanye kandi amatagisi atozwa ku gitoro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.