IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba Reta kwemera ko ubutunzi bw’igihugu butifashe (...)

OLUCOME risaba Reta kwemera ko ubutunzi bw’igihugu butifashe neza

mercredi 13 juin 2018

Mw’itangazo ryashizweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rimaze kwihweza integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, ryasanze ari amafaranga bakoresha gusa atayarimwo yofasha guteza imbere igihugu, biciye mu gukoresha imitahe.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko ubushikiranganji bwa Reta ata mafranga binjije mu gihugu biciye ku banyamitahe, bigashobora mbere no gutuma amashirahamwe ya Reta ahomba kubera ugukoresha nabi amafaranga.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta guhagarika imvugo zemeza ko ubutunzi bw’igihugu bwifashe neza kandi atariko biri, rigasaba ko Reta yemera ko idafise uburyo bwo guteza imbere igihugu biciye mu banyamitahe, ikemera kandi ko ata bantu bafise ubumenyi ifise, kugira begeranye uburyo bwofasha mw’iterambere ry’igihugu.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta gutunganya igitabo cerekana uko Uburundi bwotera imbere, kugira ivyo gukora ata ntumbero iboneka yo guteza imbere igihugu bihagarare.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.