IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba ishirwaho ry’itegeko rigenga amasengesho atunganywa n’umukuru (...)

OLUCOME risaba ishirwaho ry’itegeko rigenga amasengesho atunganywa n’umukuru w’igihugu

mercredi 27 décembre 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Kigarama 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ibikorane bitunganywa n’umuryango w’umukuru w’igihugu ataco vyica, ariko ko vyotegerezwa gutunganywa hisunzwe ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko agenga Uburundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rinegura ariko ko ivyo bikorane bitunganywa ku minsi y’imirimo, kandi bigatunganywa mu masaha y’akazi,kuko bitangura isaha zibiri z’igitondo, bigahera isaha icumi n’imwe z’umugoroba.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko amafaranga akoreshwa muri ivyo bikorane ashobora kuba ashika imiriyoni 120 z’amarundi, ariko kubwa OLUCOME, afatwa nk’ugusesagura itunga rya Reta kuko ata tegeko na rimwe riyagenga.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rishigikiye ijana kw’ijana ko abarundi n’abategetsi batunganya amasengesho, kuko ari kimwe mu birwanisho bishobora gukiza igihugu, mu gihe bikozwe mu muco.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, Arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba ishirwaho ry’itegeko rigenga amasengesho nk’ayasanzwe atunganywa n’umuryango w’umukuru w’igihugu,kugira bakinge icotuma umwimbu w’igihugu ugabanuka.

Mwomenya ko iryo tangazo risohotse, mu gihe umuryango w’umukuru w’igihugu watunganije igikorane kuva kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Kigarama 2017, mu ntara ya Kayanza ku kibuga Stade Gatwaro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.