IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba umuco kw’ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa (...)

OLUCOME risaba umuco kw’ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none

lundi 4 juin 2018

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018, rimenyesha ko ribabazwa no kuba abanyagihugu bagikoresha ikarata karangamuntu zatanzwe hatanzwe igitutire.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko igihe hatanguzwa urupapuro rw’inzira ruzokoreshwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, uwurongoye igiporisi c’imbibe yavuze ko hari abaza gusaba urupapuro rw’inzira bagasanga bafise ikarata karangamuntu za magendu, izo nazo kbwa OLUCOME zikaba zitangwa hatanzwe igiturire.

Ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko amasezerano y’isoko yo gukora ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none yahawe ishirahamwe ry’abahindi n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu y’amafaranga ashika imiriyaridi 20 z’amarundi yabayemwo utunenge.

Ishirahamwe OLUCOME risaba abajejwe intwaro mu makomine guhagarika kwaka igiturire ku baza ku basaba amakarata karangamuntu, kuko basanzwe bahembwa amafaranga ava mu makori n’amatagisi atangwa n’abanyagihugu.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba abanyagihugu kutemera gutanga igiturire, bakama babimenyesha mu gihe cose babonye uwuriko arakira igiturire.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.