IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba umufasha mu biganiro bihuza abarundi ko abiheraheza

OLUCOME risaba umufasha mu biganiro bihuza abarundi ko abiheraheza

mercredi 17 janvier 2018

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza William Benjamin Mkapa kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018, iryo shirahamwe risaba umufasha w’umuhuza guheraheza ibiganiro bihuza abarundi, agakurikirana kandi ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe ya Arusha.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko kugira amasezerano ya Arusha ashikweko vyatwaye uburyo bwinshi ari naco gituma atokwirengagizwa, mu gihe hari bimwe mu biyarimwo bitarashirwa mu ngiro, canke ngo nayo agenzurwe uko ariko arashirwamu ngiro.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko guhinyanyura ibwirizwa nshingiro bitari bibi ubwavyo, ariko rivuga ko vyogize intumbero nziza mu gihe vyoba bivuye mu ngingo z’ibiganiro bibera hanze bihuza abegwa bose n’ikibazo ca poritike mu Burundi.

JPEG - 72.8 ko
Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba ibiro vy’umuhuza ko hatunganywa inama idasanzwe ihuza abahagarariye amasezerano ya Arusha, kugira bagenzure aho ishirwa mu ngiro ryayo rigeze.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba ibiro vy’umuhuza gutegekanya ibihano biboneka ku ruhande rwose rwoca inyuma y’amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yashizweko umukono i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.