IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza gutumako igice ca gatanu c’ibiganiro

OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza gutumako igice ca gatanu c’ibiganiro

vendredi 15 juin 2018

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yandikiye umufasha w’umuhuza kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018, amenyesha ko ivyo biganiro vyotunganywa mu ntumbero yo gukingira amasezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko igihe umukuru w’igihugu yashira umukono kw’ibwirizwa nshingiro yemeje ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, mbere bishimangirwa n’umuvugizi wiwe mu kiganiro yahaye iradiyo Isanganiro.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko naho ayo majambo yashikirijwe n’amakenga atabuze, kuko mu bihugu bimwe bimwe abakuru b’ibihugu bakoresha uwundi mukenyuro abanyagihugu bakabasaba ko bagaruka ku butegetsi, naho boba bavuze ko batazogaruka bagahava bagaruka.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryizeye ko hatunganijwe ibiganiro bibera hanze ku ncuro ya gatanu, inyishu zirama ku bibazo bihanze abarundi zoboneka, na cane cane abakenyezi, abana n’urwaruka bugarijwe n’ubukene hamwe n’inzara.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Irishirahamwe OLUCOME, korikoresha imvugombi nogusumvya abanye politique nahonyebe mwenebabanye politique bakorera murufuri nkabamwe ba J Minani, naba Cimpaye P, nayoba Sinduhije naba Niyonbare bigize nkababaye banyskwigebdera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.