IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME rivuga ko ritashimishijwe n’itangazo rya Reta ku cegeranyo ca (...)

OLUCOME rivuga ko ritashimishijwe n’itangazo rya Reta ku cegeranyo ca OCHA

samedi 24 février 2018

Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME avuga ko itangazo ryashikirijwe n’umunyamabanga wa Reta akaba n’umuvugizi wayo rishobora kuba rifise imvo za poritike, bizunze ko risaba ko hatangwa infashanyo zijanye n’iterambere, atari infashanyo zigarukira ku barundi bari mu bukene.

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta avuga ko, bigoye gutahura ko mu Burundi ata nfashanyo ikenewe, mu gihe guta agaciro k’amafaranga bigeze ku bice 60 kw’ijana, bafatiye mu mwaka wa 2015.

JPEG - 77.4 ko
Gabriel RUFYIRI, Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018 ,umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta yavuze ko, Reta y’Uburundi idashimishwa n’uko abakozweko amatohoza n’ibiharuro vyatanzwe ku barundi bakeneye gufashwa ,bitavuye mu gukorana hagati ya OCHA n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubwo amagara y’abantu, ubwo uburimyi n’ubworozi hamwe n’ubwo agateka ka zina muntu.

JPEG - 28.6 ko
Philippe NZOBONARIBA, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Muri iryo tangazo Reta y’Uburundi yasavye abayobozi b’ishirahamwe OCHA kuvugana n’ubushikiranganji bwegwa n’ikibazo co kugarukira ku bari mu bibazo n’abandi bose, kugira hakorwe icegeranyo gihurijweko n’impande zose, kizofasha gukorera ku ntumbero imwe, hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe OCHA.

Kuwa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, ishirahamwe OCHA ryari ryamenyesheje ko abarundi imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana atandatu, n’ukuvuga ica gatatu c’abarundi bose bakeneye gufashwa, kandi ko hakenewe amafaranga imiriyoni 141 z’amadorare y’abanyamerika, kugira bikunde abo barundi bafashwe.

Reta y’Uburundi yavuze ko ibiharuro vyatanzwe n’ishirahamwe OCHA ari umurengera, kuko Reta yashize uburyo butari buke mu gisata co guteza imbere abanyagihugu baba hagati mu gihugu, biciye mu guteza imbere uburimyi,amagara y’abantu no gutahukana impunzi, ivyatumye ibintu biba vyiza mu mwaka wa 2018, gusumvya mu mwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.