Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza MKAPA yasabwe ko yosozera ibiganiro yatanguje
Umuhuza MKAPA yasabwe ko yosozera ibiganiro yatanguje
lundi 3 Mukakaro 2017, par
Umuhuza Benjamin William MKAPA yari yamenyesheje ko ukwezi kwa gatandatu kuzohera yamaze gusozera ibiganiro arongoye, akavuga ko ukwo kwezi nyene kuzohera yamaze gushikiriza ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ntureka ya poritike burimwo kuva mu mwaka w’2015.
Mu gihe ukwo kwezi kwaheze umuhuza ataco arashikako muvyo yari yiyemeje, mw’ishirahamwe OLUCOME bamusaba ko yotanga ikindi kiringo, ariko ntikirenge ukwezi kumwe, kuko kubwa OLUCOME, birihutirwa ko ubuzima bw’abarundi bubangamiwe bwokingirwa.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi wihutirwa, ku neza y’Abarundi bagorewe mu makambi y’impunzi mu bihugu bibanyi vy’Uburundi, hamwe n’abandi bo mu gihugu hagati bahanzwe n’ubukene bwatewe n’uko abahora bafasha Uburundi bakuyemwo akarenge.
- Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko bimaze kuboneka ko hari bamwe mu banyeporitike b’Abarundi badashaka ko ibiganiro bibera hanze y’Uburundi bisozerwa, kuko batinya ko bashobora gutakaza ibibanza barimwo, canke inyungu baharanira. Umuhuza Benjamin William MKAPA agasabwa gukora ibishoboka vyose kugira impande zose zegwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi vyitabe ibiganiro bibera hanze. Umuhuza asabwa kandi ko yofatira ibihano uruhande rwokwerekana ko rudashigikiye ko ivyo biganiro bidakumira biba.
Mw’ishirahamwe OLUCOME bahamagarira umuhuza ko yogondoza Reta y’Uburundi ikavavanura n’umugambi ifise w’uguhindura ibwirizwa shingiro.
Egide NDUWIMANA
Messages
4 Mukakaro 2017, 00:37
ntibakunda igihugu! ULUCOME niba mudashaka ko utunenge dukosorwa muvyukuri mwipfuza ikI?ibwirizwa. Shingiro ritegerezwa guhindunda kuko igihugu cose gifise amategeko y’aco akigenga