IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME yerekanye amakenga ku nteguro y’itegeko rigenga amafaranga Reta (...)

OLUCOME yerekanye amakenga ku nteguro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha muri 2018.

lundi 11 décembre 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, OLUCOME rimeneyesha ko integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018 idasiguritse kandi idashobora gushirwa mu ngiro.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko amafaranga abafasha Uburundi bahora batanga yagabanutse gushika ku bice 47,71 kw’ijana, rikamenyesha kandi ko ritangazwa no kubona Reta ibandanya ivuga ko vyose mu bijanye n’ubutunzi bimeze neza, kandi amafaranga izokoresha mu mwaka wa 2018 yose azova mu kigega ca Reta.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ishirwaho ry’amatagisi mashasha arihishwa abanyagihugu, ari ayaje gusinzikaza umunyagihugu yari asanzwe ari mu bukene nta ngere.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI ,arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta guhagarika ingingo 21 nshasha zirihisha ikori abanyagihugu mu mwaka wa 2018, mu gihe abanyagihugu basanzwe bari mu bukene, rigasaba kandi ikurwa mu kazi rya bamwe bakora mu kigo gitoza amakori n’amatagisi OBR, hamwe n’ikigo corohereza abanyamitahe API, kuko bafise uruhara mu gutuma hari abatarihishwa amakori mu buryo butemewe n’amategeko.

Ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta kwisunga ingingo ivuga ko ’’amakori menshi yica amakori’’, isubiremwo kandi ikigo kijejwe ivyo ubutare mu Burundi OBM, kuko bafatiye ku mafaranga cinjiza ari make, bivuye ku masezerano atanga uburenganzira bwo kwimba ubutare yatanzwe hatagiyemwo umuco.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.