IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU imenyesha ko abana 56000 bakeye gufashwa vyihutirwa mu Burundi

ONU imenyesha ko abana 56000 bakeye gufashwa vyihutirwa mu Burundi

lundi 30 Nzero 2017

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abana barenga 226000 b’abarundi basinzikajwe no gufungura nabi,muri abo 56000 bakeneye gufashwa vyihuta kuko basinzikaye cane.

Mu cegeranyo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashize ahabona,ibintu vyifashe ukwo kuko abana bato bahabwa ibifungurwa bidahuye n’imyaka bafise.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ikindi kibangamiye abana ari isuku rike rikorerwa abana hamwe n’indwara zitandukanye zifata abana.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kimenyesha ko intara zibangamiwe cane ari intara ya Rutana na Kirundo,aho urugero rwo gufungura nabi rugeze ku bice bishika bibiri kw’ijana.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko mu migambi yo gufasha,bagiye kwisunga cane abana babangamiwe gusumvya abandi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.