Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yagarutse ku bikorwa n’Imbonerakure za CNDD FDD mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yagarutse ku bikorwa n’Imbonerakure za CNDD FDD mu Burundi

ONU yagarutse ku bikorwa n’Imbonerakure za CNDD FDD mu Burundi

mercredi 19 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariyamiriza ivyakozwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, aho urwo rwaruka rwakoraniye hamwe, ruririmba ururirimbo ruhamagarira izo mbonerakure "gutera inda" abatavuga rumwe n’ubutegetsi kugira bavyare imbonerakure.

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri, Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko ivyo vyakozwe mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’Imbonerakure za CNDD FDD biteye amakenga, kuko biza kwemeza ivyashikirijwe n’abahunze Uburundi, babwiye abo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko bakozweko iterabwoba n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.

Amasanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yerekanye urwaruka rurenga ijana rw’Imbonerakure za CNDD FDD ruriko ruririmba ruti : "Tera inda abakeba bavyare imbonerakure", ivyo bikaba vyabereye muri komine ya Ntega, mu ntara ya Kirundo.

N’aho umugambwe CNDD FDD yasohoye itangazo wiyamiriza ivyo vyakozwe "bitandukanye n’akarangamutima k’umugambwe CNDD FDD", mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko no mu yindi mihingo y’igihugu c’Uburundi vyakozwe, bagatanga akarorero ko mu ntara ya Kayanza, aho urwaruka rw’imbonerakure rurenga 2500 rwaririmvye mwene izo ndirimbo zihamagarira gutafa ku nguvu abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’ukubagirira nabi.
Aho hose bigakorwa abategetsi batandukanye bo muri Reta y’Uburundi babona , nk’uko ONU ibimenyesha.

Itangazo rya ONU rivuga ko kw’igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2017, mu nama y’umutekano yagirishijwe na Buramatari w’intara ya Makamba, yahamagariye abanyagihugu kwicungerera umutekano wabo bonyene, bahagarike umuntu wese bikekse, bongere "bagandagure" umuntu wese biketse ko ari uwurwanya ubutegetsi.

Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko ivyegeranyo bitandukanye vyerekana ko kuva muri Munyonyo 2016 gushika muri Ntwarante 2017, ibitigiri vy’abantu bahohoterwa n’ababurirwa irengero vyabandanije kwiyongera. ONU imenyesha ko kuva muri Ndamukiza 2015 gushika kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2017, abantu baharurwa mu 400.000 aribo bahunze igihugu c’Uburundi.

JPEG - 1.3 Mo
Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

« Abakora iryo hohoterwa rya kiremwa muntu, bazotegerezwa kubibazwa, hatisunzwe ico bari n’amabanga bajejwe mu kazi kabo.", uko niko Zeid yabishikirije mw’itangazo yasohoye, asaba Reta y’Uburundi kwemera gukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’ukworohereza abahinga bakora amatohoza bo muri ONU, bashike mu gihugu cose gutohoza ubugizi bwa nabi bukorwa, Reta yongere ifashe mu kworohereza ko abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bashengezwa mu butungane.


IGIHE

Messages

  • Uyo mugaboga,arabuz ahandi yoc amahera!naj muri Syliya ko leta yaho yish abenegihugu ntibazyore,burundi waragow

  • Murasubiriye Gesubwiyo Ubwino Ntiburera. Mwahinyutse Kera Nimuhore. Kuko Ntanaho Muzoshika Mukoresheje Ububeshi Imvugakuri Ziriho Ababibona Barabibona Mwe Nimuhore Ivyanyu Vyamenyekanye Igihe Mwashaka Gutembagaza Ubutegetsi. Ibuye Riserutse Ntiryica Isuka.

  • Umugabo araho aranyumararije!!! Ngwivyo Imbonerakure bizaguhura nivyo abahunze namubwiye!?
    Umvandakubwire urakeneye gusubira kwiga ibijanye nicobita democracy, none wewe kwivyowakavuze kuburundi nukubindibihugu biteye amakenga kobataragushira murubaraza? Ariko ntibagushize murubanza kuko kumbura babishira murivyabindi vyitwango freedom yokuvuga, wewe muvyukuri n’Imana ijeguhana abantu bakoze amabi kwy’Isi wewe umwanya woguhanwa Imana yogushirako wojimbere yuw’Imbonerakure ndabikwenereye nubwo twese jewe nawe atawukwiye gucira urubanza uyunzi nibwowewe wigira kagarara kubera icokibanza urimwo gikontororwa nububasha bwa Satan kuko iyaba utarinububasha bwasatani ntiwoguma ukoranabi wisubiriza ngobakurekere mwayomabanga, turasirero kokwy’Isi hariho abiyeguriye gubabakozi ba Satan nabiyeguriye gukorera Imana, murabobose uwobakorera arabashigikira kugira bakomeze kugira inguvu zogukora ibimunezereza.

  • ivyo biti hwe, hama ganyakwubahwa, barya bagomvye gutembagaza ubutegetsi kandi vyarataye igihe, basubira kuzana ivya bahutu nabatutsi ,natwe abene gihugu atarivyo turimwo, turajwishinga naho dukura akajumpu kabana , bobo bite?

  • awo nimujeri kuko twamubonye keramaze igihe nateshwe ate abarundi turimaso

  • Inyangaburundi zamyeho kandi zizahoraho. Aka kagabo gafise ibyiyumviro nkibya cya gisuma citwa WAKERA.

  • Yemwe Imbonerakure Zirahanze Igihugu,urazi Ivyo Ziriko Zirakorera Abantu Ngaha Mu Kazirabageni Muri Commune Nyanza Lac Nukuri Abanyagihugu Turarushe.

  • mbegakomurajwishimganibonerakure muzozishirahe?nimwemerezibatware kukontawubuzizubakwaka. shirira.

  • Caratuvuny!! Wamumugabowe!!Ikinyomantikizigeragitsinda Ukuri

  • Jewe sinumva icobibagize kuko imbonerakure zaritutse kuburyo aribitwarire(bavutse kubavyeyi bafashwe kunguvu,ikindi ndababwire mwambonerakuremwe u can be humble not proud kuko birafasha!

  • None ivyo harigitangaza kuba abategetsi bahano mu Burundi kuba bigisha imbonerakure gufata abagore kunguvu!, kuko igihe baribakiri mwishamba abagore beshi bari barabamaze babafata kunguvu. kubwivyo sibishasha kuribo, namwe muzorabe umwana wigisuma niwe gisuma, imbonerakure ivyozikora babikura kuribashebuja.
    Nayo buramatare wamakamba muriwe umwitegereje nokumaso yiwe numuntu yamaze guhaga amaraso yabantu kuko kwica yabitanguye kuva kera, jewe ndamutahura cane kuko turi muntara imwe. imbonerakure nazo zateguwe kugira zizokoreihonyabwoko nkomurwanda ivyo birazwi cane.

  • emwebiragoye abishe abantukuva 62-72 gushika 1993 bakica umukuruwigihugu ababikoze nububaridegemvya muraboharimwo buyoya iyo UN yarihehe?ahongobagomba nyenicubahiro nkurunziza?UN twarayihinyuye ngonukoharikohatwara uwobadashaka Isi icitwa Isi ubirundi ntibuzigera butwarwa nabazungukirazira

  • emwebiragoye abishe abantukuva 62-72 gushika 1993 bakica umukuruwigihugu ababikoze nububaridegemvya muraboharimwo buyoya iyo UN yarihehe?ahongobagomba nyenicubahiro nkurunziza?UN twarayihinyuye ngonukoharikohatwara uwobadashaka Isi icitwa Isi ubirundi ntibuzigera butwarwa nabazungukirazira

  • Imbonerakure nibihume ninkinterahamwe bafise idéologie genocidaire amahanga abwirizwa guhaguruka bakazirasa ataribyo ibiyaga bigari bizakemura ikibazo bidatinze

  • Izombonerakure zigiye kubona ayimbwa yaboneye kumugezi!!!! Cokimwe na Sebuja bazokwomokera rimwe.

  • aka kagabo ka #Un nibiki kariye #Mubrdi?? uzodahwa ivyo #Bamujeri baguhaye!! Ntitubashaka twarabahinyuye

  • aka kagabo ka #Un nibiki kariye #Mubrdi?? uzodahwa ivyo #Bamujeri baguhaye!! Ntitubashaka twarabahinyuye

  • Erega UN niyo izana amacakubiri yo kuvangura, ivyo turabizi kandi turabibona.

  • Ntaho Muroshira Aabarundi Mugihugu Cabo . Ntagihugu Nakimwe Gitarimwo Urwaruka . Natanzania Irimwo Abo Bita Wanamugambo . Ujabutse Ningombwa Muhure Na Wanamugambo !

  • ICO GIPFU NGO NIWAKERA NA MOB,MUZOPFAGUTYO,IVYIYUMVIRO VYANYU,BIGASHE NTAHOBIZOBAGEZA EREGA UBURUNDI NUBWA BENE BURUNDI SUBWABAZUNGU,MWABIPFUMWE MBE AMARASO NIMITSI VYA BARUNDI MWAKARIYE NTIMWOGIRANGO MURUHUKE,UBU BIRYA NTIBIZONGERA NDABARAHIYE NIMBA MWIBWIRA KOMUZOSUBIRA KUDUTWARA ZANTWARO ZANYU ZIGASHE CIRA BIRARURA ,NIMWEMERE NKURUNZIZA IMANA YADUHAYE ATURONGORE TWAMUROSE HAGEZE ,IMBONERAKURE ZIVEKO

  • Va kumabyi zinterahamwe rukarabankaba ngo nimbonerakure reka duhe igihe iminsi

  • Hakiyamungu tutawapiga bila mchezo mwebwe mukomeze ayomarorerwa. Imbonerahafi murimumarembera ibyo mukora byose mujye mwibuka uko leta ya habyarimana yaciyeho mwakabaye mwarahakuye isomo. Mukomeze buriya umunsi nturagera agatinda kumera namenyo yo hejuru

  • Bob, ivyuvuze nukuri twarabahinyuye, nicogituma mwaririmvye jonucide cane mwashaka kuduteza kuryana ariko Imana yarabiturinze none ngaho igihugu cabayemwo jonucide nicokigomba congere kibemwo jonucide bitarenze imyaka 2

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.