Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yasavye Reta y’Uburundi ko yokwisubirako ku ngingo yafatiwe LIGUE (...)
ONU yasavye Reta y’Uburundi ko yokwisubirako ku ngingo yafatiwe LIGUE ITEKA
jeudi 5 Nzero 2017, par
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamanyesheje ko ryatangajwe n’ingingo ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwafashe y’uguhagarika burundu ibikorwa vy’ishirahamwe LIGUE ITEKA. Reta y’Uburundi yasabwe na ONU ko yokwisubirako, iyo ngingo igafutwa.
Farhan Haq, icegera c’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko n’ayandi mashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu yafatiwe ingingo y’uguhagarikwa yosubizwa uburenganzira bw’ugukora.
Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryari rimaze imyaka 26 rikorera mu gisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Imbere y’uko iyo ngingo y’uguhagarika ibikorwa vya LIGUE ITEKA ifatwa, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwahagaritse vy’agateganyo iryo shirahamwe hamwe n’ayandi mashirahamwe ane adaharanira ivyicaro vya poritike. Muri ukwo guhagarikwa vy’agateganyo, ubwo bushikiranganji bwagirije LIGUE ITEKA ko ikorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe na Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Mu matohoza ubwo bushikiranganji buvuga ko bwakoze, bagirije LIGUE ITEKA ko yakoranye n’abanyamahanga mu gusohora icegeranyo kirimwo ivyo bita ibinyoma.
Icegeranyo casohowe n’ishirahamwe LIGUE ITEKA riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) kivuga ko mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, abantu barenga igihumbi aribo bishwe, abandi amajana umunani baburirwa irengero. Ico cegeranyo kivuga ko atagikozwe ihonyabwoko rishobora gukorwa mu Burundi.
Ubuyobozi bwa LIGUE ITEKA bumenyesha ko iyo ngingo yafashwe ataco izohindura ku bikorwa vy’iryo shirahamwe, vy’ugushira ahabona ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Anschaire Nikoyagize, umukuru wa LIGUE ITEKA avuga iryo shirahamwe rifise abantu benshi bakorana naryo mu gihugu cose c’Uburundi.
IGIHE
Messages
5 Nzero 2017, 14:41, par Musaga
ONU oyeee,nimubandanye gushira kumunigo abo ba DD
5 Nzero 2017, 15:05, par jonas
oyantituzisubirako kuruburofa! tuvuze tuba tuvuze yuburundi ntibutwarirwa muri ONU gusa buri muri ONU indongozi dufise nizo siduserukira zonyene kuko twazitoye mwibuko icegeranyo batanze cibinyoma kocaturajamajoro kandi arukubesha.kudakubitimbwa kwororimisega.
5 Nzero 2017, 15:49, par Nema
Abo Nibo Baboheye Abarundi Amaboko Imugongo Ngo Nabagateka Kazinamuntu Kumbe Aribo Bafasha Mukutumarira Abategetsi .
5 Nzero 2017, 15:50, par Nema
Abo Nibo Baboheye Abarundi Amaboko Imugongo Ngo Nabagateka Kazinamuntu Kumbe Aribo Bafasha Mukutumarira Abategetsi .
5 Nzero 2017, 15:52, par Vivi
Muburundi ntavyokuzana .agatekakabantu .ubu muburundi akaruta.akandi karakamira.atacamira mwohomuzokwama mutangara iyomwakaduhendeye turamazekumenya ko ariho buryera!
5 Nzero 2017, 17:54, par Hutsi
Wamugabowe winyegeje muri ONU urazi abo uriko urabwira abaribo?
Umva ntacoduhindura abohakora muri Ligue Iteka bose nimubatumizeko mubashire ahabandi mwabashije mu Bubiligi nomu Rwanda, nayo uburundi bufise inzengi zitorewe nabenegihugu ntimukorako politique Biligi yaratwiciye abarundibeshi nokudusubiza inyuma vyose muburundi bwacu , uburero iyo politique mbiligi igiye guteza isone bamwe mubagize amashirahamwe mpuzamakungu kandi buca mubibona.
Harakaramba uburundi nindongozi zabwo.
5 Nzero 2017, 18:57, par Issa
Ariko muracabwira intumva,erega aba ntibakiri kuri iyi si,n’agahugu ka nyuma kw’isi kadakeneye iterambere,ejo bazotubwira twambare impuzu z’ibiti banke n’imiti y’abazungu ko yinjira,erega turaboshwe n’ibijuju
5 Nzero 2017, 19:04, par nkdv
ayo mashirahamwe niyugarwe kuko ntagateka kazina muntu azi kuko aguma akokeza ngo onu ngidufatire ibihano none twese abarundi turapfuye nabi kubera ayo mashirahamwe ya onu atazi ico ajejwe ko agateka kamuntu ari ukuronka ibikenerwa vyose ahubwo onu nirekure infashanyo zose bahagaritse niho agateka kamuntu muburundi kazoba kubahirijwe naho gusohora ivyegeranyo vyibinyoma ntagateka biha ayo mashirahamwe na onu
5 Nzero 2017, 20:01, par UMWAMI
Bkinda bagaramye canke bicara ntamashirahamwe akokeza ubwicanyi tuzopfa twemeye gusubira gukorera muburundi.ubu hazotwara uwo twebwe abanyagihugu twiyunvisemwo kandi twitoreye,nka kagame ,museveni,bo kobatogwa nabanyagihugu?,mbere namabwirizwa agahindugwa,ko iyo ONU itarukura mukanwa?.rindira rero natwe twitunganye neza,badahinduwe museveni,na kagame,natwe nyakwubahwa ntavuze mwizina ntituzomuvinyuma,mpaka yezu agarutse.imana rugira vyose ituje imbere, Amen amen.
5 Nzero 2017, 20:35, par Jonas Ndayizeye Papa Monday
Iciyumviro Canje Nuko Mbona Abihaye Igihugu Cuburundi Bagomba Kuzimanganya Amashirahamwe Yovugiye Abarundi.Baranganye Atacamira Hama Baheze Batabayange Uburundi.
5 Nzero 2017, 21:20, par Vicent
mbega abarundi!! bamwe bahunge abandi babuzwe aho bam bakura akajumbu, ah nah ntavuze uruzub ruriko ruraturra nne iherezo ryibbazo vyac ni irihe?
5 Nzero 2017, 22:17, par Ntibakorako
Nibayafute Yose Ayatubahirije Amategeko Aduteza Ingorane Gusa
5 Nzero 2017, 23:46, par Peter nkurunziza!!
Abibaza nkurunziza azoguma kubutegetse canke CNDD nikijuju kabisa mbegantimuziko harintwaro zigezekubaho zitwara ukozigomba atacamira none ubu barihe ?ivyorero nubugabo atacobumaze nkaka MWAMI ngo UN mwarayihinyuye! mwebwe murabana batocane burya ntimuzi icomuvuga muzkbimenya neza rindira buraca bugacanayandi
6 Nzero 2017, 07:10, par mzoyihera intagoheka
Batisubiyeko hazokorwiki ?jewe ayo matangazo musohora yokumunwa, mudafata ingingo zikomeye kurabo bicanyi, ntacobona ngaho kabisa. Kuko Nkurunziza Petero amaze kubana umutima nkuwafaroyo, Farayo yagiye kwemera aruko ivyago bimushitseko, nuwo mwihevyi kwemera nuko ivyago bizoba bimaze kumushikako.Nayo LIGUE ITEKA ntimucikintege kwibanga mwiyemeje ryogushira ahabona amabi yose ariko arakorwa niyi reta yankurunziza nakarwi kiwe, turinyuma yanyu muburyobwose.
6 Nzero 2017, 07:24, par Mahirwe
Amashirahamwe Yose Murugaye None Mushaka Muduhonyore Atanumwe Atuvugira?Twarabamenye Muburundi Ntakuri Kugihari Kuko Uwuvuze Ukuri Arakuzira Nimuvugishe Ukuri Tubarinyuma Imana Ibarinde
6 Nzero 2017, 07:31, par Mahirwe
Amashirahamwe Amaradiyo Vyose Murugaye?None Gamana Tugiye Kwicwa Atacamira?Kuki Muburundi Atawuvuga Ukuri?Twarabamenye Onu Bandanya Mudusabira Ibigongwe Batwugururire Turonke Uruvugiro Mana Dutabare
6 Nzero 2017, 14:04, par P. ANTOINE
REKA BAVYUGARE NTAKO MWOHENDAGIZWA NABANTU 3 GUSA BIRONDERERA KWIBERAHO NEZA MUKEMERA KUDURUMBANYA IGIHUGU CACU ,KAND MURI AMAMILIYON ARENG 5
6 Nzero 2017, 17:20, par Mukoziwimana Frédéric
Ntibibatangaze Ibi Nivyagezwe Vy Uwuhoraho Uwuhoraho Avuga AtUburundi Agomba Kubuhindura Ihanga Risha Reka ABAkora Ibibi Babandanya Bakora Ibibi Ababandanya Biyegereza Imana Babandanye Murahawe Ikaze K umana Amen
7 Nzero 2017, 16:03, par Sinzinkayo Egide
hhhhmmm
11 Nzero 2017, 19:48, par Mfuranzima Dieudonné
Hari Igituma Ryoba Ryahagaritswe.
30 Ndamukiza 2017, 18:32, par Kazungu
Non Hariko Hakogwa Iki Kubwivyo Kugira Amakenga Ahere Kuri Bamwe?