Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda: Impunzi z’abarundi zimenyesha ko hataragera ko zihunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ouganda: Impunzi z’abarundi zimenyesha ko hataragera ko zihunguka

Ouganda: Impunzi z’abarundi zimenyesha ko hataragera ko zihunguka

vendredi 17 Ruhuhuma 2017

Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’impunzi i Nakivale mu gihugu c’Ubuganda zimenyesha ko hataragera ko zitahuka mu gihugu, kuko ibibazo vyatumye bahunga igihugu bitaratorerwa inyishu.

Mu gihe umushikiranganji w’uburundi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yari mu gihugu c’Ubuganda kugerageza kwumvisha impunzi ko zotahuka,uwuserukira impunzi Arsène Arakaza yavuze ko uko ibintu vyifashe muri politike n’umutekano bidashobora gutuma batahuka mu gihugu.

Arsène Arakaza aserukira impunzi z’abarundi mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale,yavuze ko badashobora gutaha mu gihugu, mu gihe ibiganiro bibera i Arusha bitarahera, mu gihe hakiri amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yahagaritswe gukorera mu Burundi, mu gihe kandi hakiri abantu bicwa abandi bakanyuruzwa.

Uwo aserukira impunzi z’abarundi yavuze ko badatahura igituma Reta yihutira gusaba abanyagihugu bato bato gutaha, kandi hakiri abanyapolitike bakomakomeye bakiri hanze.

Umushikirianganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yagendeye igihugu c’Ubuganda kuva kuwa mbere igenekerezo rya 13 Nzero,umwaka wa 2017,ariko igikorwa co kugerageza kwumvisha abarundi ko bataha mu gihugu nticamworoheye.


IGIHE

Messages

  • Comworohera gute kandi arugusiga inkore kumaso?gusa abanyagihugu baraciye akenge,abanyapolitike mureke kuza murapfindanira kumunyagihugu!

  • Nibakomere ubwo basanze impengeri ziryoshye !!! Nubundi birazwi ko bahunze inzara.

  • Niba vyavuze nuwuserukira impuni ntiwoba ze ngo niko impunzi zose zibibona. Kenshi abaserukira impunzi baca baba abaja ba HCR kugira ngo batere ubwoba abarambiwe nikambi. Ni mu ntumbero yo kugirango HCR na Croix Rouge babandanye ikiraka cabo.

  • NIBABE BARABA NAHO BAJA,NKAHO WOSANGA BIPFUZA NO KUJA MAHAMA?

  • Bavugagutaha Ariko Ntivyumvikana Abanye Politike Bakwiye Kugihurizako, Uwonawe Avugako Impunzi Zahunze Inzara Ntabwenge Kandi Ntabona, Imbere Yuko Abari mumakambi Bataha, Abanye Politike Bahunze Barabanza Batahe.

  • NIKUKI,BIYUMVIYEGUHUNGURA,ABARIMUBUGANDA?NIBOBAKENEWEGUSA?NIBAVYITONDERE.NATWETURIMUBURUNDI,INZARANTITWIHANGANIYEPE!!NUBUKENEBWINSHI.

  • None Barandagiye ya ragiyeyo gukorayiki? natwebwe tukirihano turatesetse ngo nuja guhamagara abarwikize rwinkota ni nkoho ya burimusi!. yamwe burya ntanisoni bagira kabisa, abarundi bazanwe ngaha muburundi bavanwe murikongo unomusi barihehe?,ndashimiye izompunzi ziri muri Ouganda uburyo bavyifashemwo, bibuke muribo kohariho abamaze kusagwa ngaho kugirirwa nabi, aruko batumwe nubwo butegetse bwahiburundi kubwivyo muragabira ntakwisoka kurisongoye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.