IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Ibinyobwa vya BRARUDI ntibishobora kugurwa kumwe mu gihugu (...)

PARCEM : Ibinyobwa vya BRARUDI ntibishobora kugurwa kumwe mu gihugu cose

mercredi 4 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko bigoye gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’ishirahamwe BRARUDI y’uko ibiciro vy’ibinyobwa biheruka kuduzwa vyoba bimwe mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati. Kubw’iryo shirahamwe, iyo ngingo ni iyo kwitondera.

Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko bigoye ingene ivyo biciro vyoba bimwe mu gihugu cose, mu gihe hari amafaranga abadandaza bo mu gihugu hagati batanga kugira ibinyobwa vya BRARUDI babishikane aho badandariza, aho akaba ari mu gihe baba babiguriye kure y’aho bakorera.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Ishirahamwe BRARUDI riheruka kuduza ibiciro vy’ibinyobwa rihingura. Ikinyobwa ca Amstel cavuye ku mafaranga 1700 gishirwa ku 1800. Primus yavuye ku 1300 ishirwa ku 1400, nayo Amstel Royal ikurwa ku 1800 ishirwa ku 2000. Amstel Bock yavuye ku 1100 ishirwa ku 1200, nayo Amstel ntoya (50Cl) iva ku 1300 ija ku 1400.
Ikinyobwa NYONGERA cakuwe ku 900 gishirwa ku 1200.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.