Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM ibona ko Reta itorihisha amatagisi ibifungurwa biva hanze mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM ibona ko Reta itorihisha amatagisi ibifungurwa biva hanze mu (...)

PARCEM ibona ko Reta itorihisha amatagisi ibifungurwa biva hanze mu kurwanya inzara

mercredi 1er Ruhuhuma 2017

Mu gihe haheze iminsi havugwa inzara mu bice bitandukanye vy’igihugu,Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM amenyesha ko mu ntumbero yo kurwanya inzara,Reta yategerezwa guhagarika kurihisha amatagisi ku bifungurwa biva hanze y’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017,Faustin NDIKUMANA amenyesha ko Reta idakwiye kuguma ivuga ihindagurika ry’ikirere gusa ,kuko ari kimwe mu bituma haba inzara.

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko no mu bihugu vya Buraya canke muri Amerika yo mu Bumanuko,haba imyuzurira n’ibihuhusi ariko hatigera havugwa inzara,nkuko biri mu Burundi.

Muri ico kiganiro,umukuru w’ishirahamwe PARCEM amenyesha ko igisata c’uburimyi n’ubworozi ari ngira kamaro mu gihugu,ariko ivyo bisata bihabwa amafaranga make ugereranije n’aamafaranga ahabwa ibisata vy’ingenzi,ubutare n’amasoko ntanganguvu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM akabona ko Reta yoreka gutoza amakori ku bifungurwa biva hanze kugira bigurwe ku giciro gito,hagashingwa kandi ikigo kijejwe kwiga icokorwa mu mwanya muto,igihe ikibazo c’inzara cibonekeje.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.