IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yatanguje isekeza ryo kwerekana ibisata vyofasha kuzamura ubutunzi (...)

PARCEM yatanguje isekeza ryo kwerekana ibisata vyofasha kuzamura ubutunzi ariko bititaweho

lundi 5 mars 2018

Mu kiganiro yhaye abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gutanguza isekeza ryo kwerekana ko hari ivyari kuzana akarusho mu gihugu ariko igihugu kiriko kirasamarako, Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM amenyesha ko, igisata c’ingenzi ari ngirakamaro ku gihugu kuko gishobora kuzana amafaranga y’agaciro, kigatanga akazi ku rwaruka kandi kigafasha igihugu gushika kw’iterambere rirama.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishiramwe PARCEM avuga ko, mu Burundi igisata c’ingenzi cari cafashwe nk’icozamura ubutunzi, ariko Uburundi busa n’ubwanyuranye n’iyo nzira.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko Uburundi buri inyuma y’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC, haba mu bijanye n’ingenzi zinjira mu gihugu, canke amafaranga yinjira aciye mu gisata c’ingenzi.

JPEG - 163.1 ko
Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA ati :« Mu bindi bihugu vyo mu karere ka EAC, igisata c’ingenzi cinjiza amafaranga gushika ku bice 20 kw’ijana, mu gihe mu Burundi tukiri munsi ya 3 kw’ijana. Muri ivyo bihugu nyene ingenzi ziyongera kuva ku bice 70 kw’ijana kuduga, mu gihe mu Burundi turi ku bice 9 kw’ijana. »

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM asigura ko ibintu bitandatu arivyo vyoza gutorera inyishu, ingorane zihanze igisata c’ingenzi, ivyo navyo bikaba bishingiye k’ukwemera ko twananiwe mu gisata c’ingenzi, gutanga ishusho nziza y’igihugu, gushiraho inzego zikurikirana ibintu zikabishira mu ngiro, ikurikiranwa n’ishirwa mu ngiro ry’ibiri mu gitabo canditswe n’abahinga mu bijanye n’ingenzi, kurungika abiga ibijanye n’ingenzi hanze, no gushira uburyo muri ico gisata.

Umukuru w’ishirhamwe PARCEM agasaba ababijejwe kurondera uburyo, kugira bubake amazu yakira ingenzi ashobora guhiganwa ku rwego mpuzamakungu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.