IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PISC BURUNDI na CAPES + yashikirije aho ahagaze kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)

PISC BURUNDI na CAPES + yashikirije aho ahagaze kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro

lundi 15 janvier 2018

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Nzero 2018,ayo mashirahamwe avuga ko vyose bikozwe hakwirikijwe amategeko, ata ngorane irimwo.

Venant Hamza BURIKUKIYE aserukira CAPES + yamenyesheje ko ata kintu kizoza gisubiza inyuma ishaka ry’abarundi bipfuza amahoro,urukundo hamwe no kuryohererwa kuba ari abarundi, ari naco gituma ivyasabwe n’abarundi bitegerezwa gukorwa.

Venant Hamza BURIKUKIYE yavuze ko naho abarundi botora oya kuvyerekeye ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro, bazobishigikira kuko arivyo abarundi bazoba bipfuje biciye mu matora.

Venat Hamza BURIKUKIYE yavuze ati : ’’Nta wuzi akari ku mutima k’uwundi naho bazotora Oya tuzobishigikira kuko arivyo abanyagihugu bazoba batoye.’’

Ku vyerekeye igikorwa catangujwe n’amashirahamwe asaba ko ico gikorwa cohagarara, Maitre Jean Marie NDUWIMANA aserukira PISC BURUNDI yavuze ati’’ :Ivyo ayo mashirahamwe asaba canke akora afashanije n’ibihugu vyo hanze ntaco bizoshikako ,ivyo bavuga vyose birabaraba.’’

Maitre Jean Marie NDUWIMANA yavuze ko iyo iciyumviro gishikirijwe mu ntwaro rusangi atari bose bacumva kumwe ,ariko ko hari ibikorwa biba bitegekanijwe bitegerezwa gukorwa ari naco gituma umugambi wo guhinyanhura ibwirizwa shingiro utegerezwa gusimbizwa ku neza y’abanyagihugu n’igihugu.

CAPES + na PISC BURUNDI aheraheza atera akamo abarundi bose bagikoreshwa n’abantu bipfuriza inabi igihugu kwisubirako kuko ata kintu kizobahesha iteka atari gusubira hamwe n’abandi barundi.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Abarundi Dukwiye Gusenga IMANA Guko Imana Ariyo Yagumye Izigama Uburundi .Kuki Tutumvikna Kandi Mu Burundi Havugwa Amoko ATatu(3) Gusa ? Ariko Tanzaniy Hari AMoko Ijan Namirongo Ibiri Natandatu (126) Kuki bobo Bobo Bumvikana ?Murabe Vyose Barumvikana ?Hatwaye Umwisilamu Hasubira Umukristo Raba Nyerere Yarumukristu Ali Asani Mwinyi Yari Mwisilamu MUKAPA UMUKRISTU GIKWETE UMWISILAM MAGUFURI UMWUKRISTU None Twebe Abarundi Tube Iciro Ry’imigani ? Kand Bizw 90% Arabasenga

  • Bargwa Bana Abana Ibihanobi Barengeye Boboba Hanwagute

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.