IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pascal NYABENDA arongoye umurwi waserukiye Uburundi mu Burusiya

Pascal NYABENDA arongoye umurwi waserukiye Uburundi mu Burusiya

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa na Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi, muri iyo nama bazorabira hamwe ibijanye n’ugukomeza amahoro biciye mu biganiro bihuza abo mu madini atandukanye hamwe n’abadasangiye ubwoko.

Abazoba bari muri iyo nama bazovugana kandi ku bibazo bijanye na demokarasi hamwe n’agateka ka zina muntu.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka, ari kumwe n’umurwi w’abashingamateka bagendanye, bazoboneraho akaryo ko gushikiriza abandi bategetsi bitavye iyo nama, uko amahoro, umutekano hamwe n’umubano vyifashe mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hhahaha ngo Pascal azoshikiriza abo bazuhirira muriyo nama uko amahoro n’umutekano vyifashe ngaha mu Burundi?ahubwo Pascal azoce aca i la Haye yisigure muri CPI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.