IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yaheruka kunyuruzwa yitavye Imana

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yaheruka kunyuruzwa yitavye Imana

jeudi 11 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo musaseredoti wa Ekereziya Gaturika yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rishira uwa kane, akaba yahitanwe n’ingwara, nk’uko muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura babishikirije.

JPEG - 34.4 ko
Patiri Adolphe NTAHONDEREYE

Ari kumwe n’abo banyururijwe hamwe, Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yashikanwe ku rubibe rw’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nayo iminsi yose 17 bamaze mu minwe y’ababanyuruje bakaba bayimaze baboshe ibitambara mu maso. Yashitse kandi avyimvye amaguru kubera urugendo rurerure yafashe n’amaguru masa, kuko bari bamutwaye ibirato yafashwe yambaye.

JPEG - 90.1 ko
Uwo Musaseredoti yashitse avyimvye amaguru, kubera urugendo rurerure yafashe atambaye ibirato

Yari yafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba.

Muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bakiranye umubabaro ntangere urwo rupfu rwa Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yitavye Imana ahitanywe n’indwara.

Mu butumwa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasohoye, bagize bati : "Imana imwakire mu bwami bwayo. Turahojeje abasaserdoti ba Diyoseze nkuru ya Bujumbura, umuryango wiwe, incuti n’abagenzi. Imana imuhoze ububabare yahoramwo, imwambike urugori, imutera iteka yemereye abahevye ubuzima bwabo ku bwayo mu kwama bahereza Inkuka Nyeranda. Niwiruhukire mu mahoro!"

JPEG - 37.5 ko
Patiri Adolphe NTAHONDEREYE (hagati) ari kumwe n’abafurera basangiye ubutumwa (Hari ku munsi arekurwa n’abari bamunyuruje)

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.