Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero NKURUNZIZA : "Bibabaje cane kubona hari abicanye kubera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA : "Bibabaje cane kubona hari abicanye kubera (...)

Petero NKURUNZIZA : "Bibabaje cane kubona hari abicanye kubera amacakubiri"

dimanche 5 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyaka 26 iraheze kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma Abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe bwabo. Mw’ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije rijanye n’ihimbazwa ry’uwo munsi, yamenyesheje ko bibabaje cane kubona hari abicanye kubera amacakubiri kandi mu mamuko bari basangiye umuryango, kumwe Kahini yica umuvukanyi wiwe Aberi bikamubera intandaro y’umuvumo w’akaramata.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko bigaragara ko hari abashize umutahe mu kudandaza amacakubiri bateranya beneburundi. Yasavye Abarundi gufatana mu nda mu kuzirikana ko Ubumwe bw’Abarundi aribwo bwamye ari inkinzo yakingiye Igihugu mu makuba caciyemwo.

Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ryo guhimbaza umunsi wagenewe Ubumwe bw’Abarundi

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yatuzigamye gushika kuri uyu musi mwiza, aho turamutse duhimbaza imyaka 26 iheze Abarundi biyemereje amasezerano y’Ubumwe bwabo.

2. Imyaka 26 irumanye Abarundi baraganye kugaruka mu nzira y’Ubumwe basezeranye kwirinda, kwamirira kure no kurwanya ico cose coza kubacanishamwo iyo coturuka hose, biyemeza kurwanya uwo wese yitwaza amacakubiri y’amoko, intara, amadini, n’ayandi mazimwe.

3. Turipfurije Abarundi bose, abari mu Burundi n’abari hanze y’igihugu umusi mukuru mwiza w’Ubumwe bwacu, Ubumwe shingiro ry’ubuzima bw’igihugu cacu bukaba n’isoko ry’amahoro n’iterambere rirama.

4. Duhimbaje uyu musi twisunze icivugo gikurikira:« Dutsimbataze Ubumwe bwo nkinzo y’Amahoro n’Iterambere birama». Uyu musi nubere zina Murundi wese akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama yo gutsimbataza ubumwe mu mvugo no mu ngiro.

5. Kubera iyo nama nziza Abarundi twigiriye, kubera iyo ngendo iteye igomwe Abarundi twafashe, uyu musi udasanzwe mu buzima bw’Igihugu cacu ushitse twunze Ubumwe kandi turi mu mahoro.

6. Intumbero y’uwu musi mukuru rero ni ukuzirikana, tugakubitiza agatima mpembero, tukibukanya intambamyi zose zasubije inyuma Ubumwe bw’Abarundi na cane cane dufatiye ku muzo w’abakoroni babaye inkomoko y’intwaro za karyanishamiryango mu Burundi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

7. Basokuru nta mategeko yanditse bisunga mu gutunganya ivy’igihugu canke mu mibano yabo. Aha twovuga ibijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, gushira imbere ukuri, ingingo n’ubutungane, kwubaha amategeko n’indongozi, kwubahana hagati y’abantu, gufashanya, gushigikirana no gutabarana, kugendera ubuntu n’ibindi,… Ivyo vyose vyari mu mico n’imigenzo y’Abarundi, bigashimangirwa n’indero yo kuziko no mu kibano, maze ikizira bakakiziririza, bakibanira neza mu mahoro ata wanrya wangura, bakongera bagatorera umuti amatati n’ibibazo bitandukanye mu mutekano ntangere.

8. Aho hambere ibintu vy’amoko n’intara imburakimazi zagiye zirogerako mu kuryanisha Abarundi mu bihe biheze n’ivya none ntivyavurwa kuko ico Umurundi yashira imbere wari umuryango wagutse akomokamwo, abasangiye abasokuru bamwe wasanga bashikirana cane nk’abavukanyi. Ubumwe bugahera aho, bugashamikira ku guhana inka, amatongo n’abageni. Vyongeye, tuzirikane ko n’Imana mu guhezagira Igihugu yama ica ku muntu canke ku muryango.

9. Iruhande y’ivyo, umuryango wose waba ufise ico ujejwe mu buzima bw’Igihugu, nk’ingabire abagize umuryango bahawe n’Imana. Maze imiryango yose ikuzuzanya, ikaba magiriranire. Umworozi yakenera umurimyi, umuhigi agakenera umucuzi, umukomyi w’impuzu agakenera umubumvyi w’inkono, Umwami n’abamufasha bagakenera abakevyi n’abungere.

10. Hariho n’abafasha Umwami kurongora Igihugu mu vyibare, ingabo, abanyamabanga, abacuzi, abahigi, incoreke, abavuzi, abagendereza ibihe, abakamyi, n’abandi, n’abandi. Benshi muri abo bava mu baganwa, abahanza, abajiji, abanyange, abanyakarama, ababanda, abenengwe n’iyindi miryango.

11. Umuryango wari nk’icirore abantu barabiramwo abawugize; intwari mu muryango yatera iteka abawugize bose, inera igatera iceyi bose. Ni naho hakomotse imyibutsa nk’iyi:« Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango, canke ngo « Umwami akubaza umuryango ntakubaza ico warariye».

12. Kenshi na kenshi, abasangiye umuryango baba bakomoka ku musekuru umwe ariko hari aho izina ryava ku mamuko y’iyo baje bava. Mwomenya kandi ko hari imiryango myinshi isangiwe n’abahutu, abatutsi n’abatwa. Uturorero ni nk’Abajiji, Abacuri, Abanyakarama, Abaha, Abenengwe, Abungura, Abakiga, n’iyindi. Biragaragara neza ko mu miryango y’Abarundi ariho koko Ubumwe nyabumwe bwabarizwa; ni naho abakoroni bashimikiye mu gusambura Ubumwe bw’Abarundi.

13. Twihweje urahara rudasanzwe imiryango yari ifise mu gushimangira Ubumwe bw’Abarundi, tukihweza ingaruka mbi zatewe n’ugutatana kw’imiryango aho mbere ugasanga abayigize batakimenyana, batakiramukanya canke ngo bafashanye, dusanga vyoba vyiza dusubiye kw’iragi ryiza rya basokuruza, tukareka guhendwa tubona.

Birababaje cane kubona hari abicanye kubera amacakubiri kandi mu mamuko bari basangiye umuryango, kumwe Kahini yica umuvukanyi wiwe Aberi bikamubera intandaro y’umuvumo w’akaramata.

14. Ko basokuru rero badusigiye amakanda y’Urukundo n’Ubumwe, nta cobuza ko iyo nzira baciyemwo ikaberera twoyicamwo natwe, mbere tukayinoza gusumba, tureke kuba ba katiyunguruza dutere intambwe dukutse isemo aho bari bayigejeje, gurtyo abazokwaruka mu nyuma bariko barihweza ivyo twaciyemwo muri kahise k’Igihugu cacu baze bavuge bati: iyo hadaseruka abagabo Igihugu cari guhava kigenda akagirire.

15. Ivyigwa vyakozwe n’abo baje kutuyovya mu kuducamwo imigwi no kutuvangura bitwaje amazuru, imisaya n’imbaga z’aba na bariya, birerekana neza ko iyo abantu badasangiye ubwoko badaheza ngo basangire ururimi, imico n’imigenzo. None ko Abarundi tuvuga ururimi rumwe, tukagira imico n’imigenzo imwe, Ababirigi bisunze iki mu kutugaburamwo amoko atatu?

16. Ntawovuga ko amajambo « Umuhutu, Umututsi canke Umutwa » yazanywe n’abakoroni. Ikibi Ababirigi bakoze ni ukuyaha insiguro n’intumbero itandukanye cane n’insiguro n’intumbero Abarundi bayaha. Ivyo biragaragara neza mw’itegeko ry’Umwami w’Ababirigi Albert 1er ryo kuwa 21 Myandagaro 1925, ritunganya intwaro muri Kongo, Urwanda n’Uburundi. Iryo tegeko niryo nkwezi y’akarongo y’amazimwe yazingamitse Uburundi kugeza uno musi. Vyongeye, iryo tegeko n’ubu ntirirafutwa.

17. Ikibabaje cane n’uko n’inyuma y’aho Uburundi buhaburije Intahe y’Ukwikukira, umushinge w’Ubumwe wari ushingiye kuri Rwagasore n’Intwari zamufasha waciye usenyurwa, Uburundi buramutswa indongozi zigendera ku mabwire n’imigambi vy’abakoroni, bamwe mu benegihugu baratotezwa bazira ubwoko bometsweko kurya bomeka iparati ku modokari, abandi batotezwa bazira intara batatoye kuvukiramwo, bamwe baragandagurwa, abandi barangazwa, amaganya n’amarira, intuntu n’agahinda, bishwara Uburundi imyaka n’iyindi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

18. Ego niko haraciye imyaka 26 dusezeranye gusubira kw’Iragi ry’Ubumwe twarazwe na basokuru. Yamara rero, uno musi ntawovuga ngo Ubumwe bw’Abarundi ni inzu yuzuye canke ngo ni inzira yanoze. Muti none hokorwa iki ngo Uburundi burangwe n’Ubumwe atari uruhendo, Ubumwe nya bumwe atari mu mvugo gusa?

Kubera ko Ubumwe, gufatana munda no gutabarana ari bimwe mu biranga Imico y’Abarundi, bikwiye kwigishwa kandi bikagirwa ikiyago muri vyose na hose;
Zina Murundi wese ahamagariwe kwamirira kure imvugo n’ingendo y’amacakubiri, Ubumwe akabugira igitero n’icitabirizo mu buzima bwa misi yose;
Kwibutsa kandi tukibukiriza tudahengeshanya ko mu butandukane bwacu, dusangiye Umuvyeyi umwe ari bwo Burundi;
Gukunda Igihugu catwibarutse, tukama tuzirikana ko ari umurima w’isangi, twese tukanezerwa no kwitwa Abarundi;
Kwama tuzirikana tudahengeshanya ko nyamwigendako atarimira impeshi, maze hagatunganywa imigambi myiza n’ibikorwa bihuza Abarundi;
Guha ikibanza kibereye Abarundi bagendera Ubumwe, kugira n’abandi babafatireko akarorero;
Kwama twibukanya ko Ubumwe ari inkinzo n’umushinge w’iterambere rirama;
Kwamirira kure, imvugo canke ingendo y’amacakubiri n’izindi nyifato zivangura canke ziryanisha Abarundi;
Gushingira intahe ukuri, Ubutungane n’Ingingo bikiganza mu Burundi nkuko vyari imbere y’umuzo wa ba sesankuyoze;
Kudomako urutoke tukongera tugashengeza ba mpemuke ndamuke, tukiyamiriza ico cose codusubiza mw’ihumbi canke iyo twavuye;
Inyigisho zo gukunda Igihugu zotegekanya ibigabane bifasha abenegihugu gutegera no kuzirikana akamaro k’Ubumwe n’ingaruka mbi z’indyane;
Kumenya kandi tukamenyera ko ico dupfana kiruta ico dupfa, kandi ko ubudasa bwacu ari nyabuna ubutunzi kuko butuma twuzuzanya;
Gukingira imico n’imigenzo myiza vyamye biranga ba sokuru;
Ibimenyashamakuru bisabwe guha ikibanza gikwiye ibiganiro n’utugenegene bikomeza Ubumwe bw’Abarundi.

JPEG - 247.3 ko
Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

19. Muri uno mwaka, twaratanguje isekeza ryo guhimiriza Abarundi ngo bagire inyifato ibereye, bagendere ubuntu, bisunge na ntaryo imico n’imigenzo kama ya basokuru. Mu nyigisho nkarishabwenge dutegekenya, Ubumwe bw’Abarundi buzohabwa ikibanza kibereye.

20. Duhiriwe dushije, hari ibimenyetso bitabesha bigaragaza ko Abarundi batari bake bamaze kwumva akamaro ko guharanira Ubumwe, no kubutsimbataza. Akarorero ka hafi tukagafatira ku bihitiye aho ba mpemuke ndamuke bafatanije na ba kavamahanga bagize amacakubiri no kuryanisha abonse rimwe umwuga ataco batakoze ngo bacanishemwo Abarundi ariko bikabata ku w’amazi.

21. Ubumwe turamutse twigina uno musi si urwigano. Ni iragi ryiza twarazwe. Muribuka mbere ko mu gusozera Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu tuvuga tuti : «Horana Ubumwe n’Abagabo n’Itekane ». Ubumwe kandi buza imbere mu civugo c’Igihugu cacu: «Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere».

22. Twovuga ko Ubumwe ari itunga rihambaye n’amakungu yose akamisha kugirango ashike ku mahoro n’iterambere birama. Twame rero nta ntaryo twirinda kubwanjanjwako.

Barundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi;

23. Muri kino gihe, biragaragara ko abashize umutahe mu kudandaza amacakubiri bateranya beneburundi basa n’abatamba birorera, kuko atari benshi babaha nirwere. Dufatane mu nda rero mu kuzirikana ko Ubumwe bw’Abarundi aribwo bwamye ari inkinzo yakingiye Igihugu cacu mu makuba caciyemwo, maze duharire ivomo abo bose bakirota gucanishamwo Abarundi.

24. Duhamagariye Abarundi bose kwuzuzanya, biyumvemwo Igihugu cabibarutse, bahaguruke bashire inguvu zabo hamwe mu budasa bwabo, bashigikire ico cose kizanira ineza Abenegihugu maze duteze imbere igihugu cacu.

25. Tuboneyeho akaryo ko gusubira gutera akamo abahunze Igihugu bose ngo bagaruke bafashanye n’abavukanyi babo kwubaka igihugu mu gihe tubona ko amahoro asasagaye hose; tugasaba Abarundi bose kwerekana umutima w’urukundo wamye ubaranga mu kwakira benewabo bariko barahunguka, babafashe, babashigikire, basabikanye ivyo babasanganye, babereke ko bisanze.

26. Twashaka kandi gusubira kubasaba kubandanya mushigikira umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi uri ku kivi. Kugira Ubumwe butsimbatare, ivyagiye birabutosekaza nk’ibinyoma, inzigo y’akazikira, insaku, ibihuha, amarementanya, kunyegeza ukuri kuri kahise n’izindi ngeso mbi bije ahabona, hanyuma tubone kwigira Inama y’intango nshasha y’amahoro Imana yatwihereye atawe igishije inama.

27. Twipfurije Abarundi bose iyo bava bakagera guhimbaza umusi mukuru w’Ubumwe bwabo mu rweze, twese hamwe Dutsimbataze Ubumwe bwo nkinzo y’Amahoro n’Iterambere birama.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI YONGERE

ITWUNGIRE UBUMWE, MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • NYENICUBAHIRO WAVUGA ARIKO INTUMVA ZIZOKWAMAHO .

  • Noneko wowe nawe wisunze ibya babiligi wakomeje gucamwo abarundi amoko atatu wisunze iki?none urumva muriyo discours yawe utameze nyene kababiligi?

  • @Mob,
    Kugerubu tuvugako kuba umutwa, umututsi, umuhutu,
    Ivyosivyo Bibi,
    Ahubwo uwohora umwemuribo ngontaronke uburenganzira mukinturunaka mugihugu ciwe kwarivyo Bibi.
    Urazi ukuntu vyobabaza tuvuze ngo muburundi ngontamoko ahari ngotwese turabarundi maze ugasanga kabaye akaryo kogushira munzego zoze zikomeye mugihugu ubwoko bumwe kubera wamaze guhumamaso abarundi ngontabwoko ngoturi abarundi?
    Icomu Rwanda baragikoresheje none uyumusi usanga mubashikiranganji bosebagize igihugu ari abatutsi 99%
    Abahutu 1%
    Kuko ntabahutu bovuga ngontibibonamwo bocabababwira ngo bobabagarukanye ubwoko.
    Nomubasirikare bakomakomeye nukwonyene,
    Munzegozose zikomakomeye usanga ari abatutsi 99%
    Nabahutu 1%
    Aho usanga uduhutu twishi nimuritwadu polisi dukorera mucaro ducungana nabadandaza imigorigori nazagongo, murirusangi muba polisi batobato nabasoda batobato mu Rwanda usanga abahutu babonekanamwo cane.
    Ubumwe bwabarundi twebwe abarundi dukorerako sukwo tubushaka.
    Kuku ubumwe bubaho kubera ibintu vyahora birenze ikintu kimwe, kuko ntakuntu nkubu twotunganya prezida wuburundi Nkurunziza ngoduheze ngodutangaze ngo ubu yabaye umwe, ariko padri/Pasteur igihe bamwabiranisha numutambukanyi wiwe baravuzeko babaye umwe.
    None uciye uguma ugiriraneza umutambukanyi wa Nkurunziza hanyuma Nkurunziza ntumwiteho wovugako atakibazo ngokuko nibamwe?
    Oya birasabwa tuvuge Denise muka Nkurunziza,tukongera tukavuga
    Nkurunziza afise umutambukanyi yitwa Deniza.
    Ahorero ntituba tubaciyemwo yamacakubiri tubatubavuze ukwobari.
    Nokuvuga ubumwe bwa barundi kobukozwe mubahutu, abatutsi, nabatwa, babarundi ivyontacovyononye, ahubwo utanguye kugirira umwe nabi murabo wisubiriza bwabwoko ububugarukanye kuko utanguye kububangamira, ariko uvugati ndaka ko abahorabigizwayo nabahora bisanga bose bobone muvyiza vyigihugu, ubwonibwo bumwe nyakuri.

  • Mureke amagambo mucyemure vuba nabwangu ikibazo cyinzara kiri mu BURUNDI ayo magambo mube muyahagaritse muzaba mubaye abagabo

  • Wowe wiyita mob ntasoni ifite Cg ntutekereza neza iyo uvuga ngo ikibazo kinzara gikemuke ushingira kuki ese niba utekereza neza ukeka ko hari umuntu wakemura inzara uretse imana yonyine kuko niyo itanga amapfa ikanatanga aho bahahira naho uwiringira ko inzara azayimarwa numuntu arihenda ,,,,,,naho ku byamoko byo uburundi bwari bukwiye kuyaca mu biba ranga bakamera nko mu rwanda kuko kuva kera ntamoko nkayo hariho byose by aje ari kugirango abirabura bamarane

  • Nyakubahwa Nkurunziza harikintu bamwe bakunze kuvuga, niki ngo liae ,wewe urumubeshi akwije amategeko!? ngo ngaha muburundi,ngo harubumwe na haramahoro!? inganda zirirwa ziratikira burimusi!, nivyukuri ururimi ntaho rusa rusana numuntu! ivyuvuga iyaba vyarikobiri, ntabantu baba bagorewe hanze yigihugu!, ariko nkanje ntivyontangaza nsazwe nziyuko kwisi hagwiriye iryarya nababeshi. Nayo uyumusi ushitse abarundi beshi barimumarira namaganya, ese iyuvuga yuko abantu baheze bashagurwa amagara aho nakwemera kuvukuri, nayibindi nakarimi gusa.

  • Abandite mwese ndabashimiye kuko buti wese yandika akurikije akari k’umutima.Umukuru w’igihugu yavuze ijambo dyiza mugabo nawe nyene harivyo ari kwitiranya.Uwomubaza insiguri y’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi yoyitanga? Mbe uwomusobanuza neza yokwerekana ico bisunze mugushiraho ayo masezerano y’ubumwe bw’abarundi.
    Biraboneka ko Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azi kandi asoma Biblia yotwereka aho vyanditse ko abantu bakaravye amaraso y’igitungwa baba bagiranye ubumwe? Mumajambo magufi u Burundi n’abarundi turacafise ingorane kuko tuvuga ko tuzi Imana ariko ibikogwa dukora bikabihakana. UBUMWE BW’ABARUNDI BWENENA KUBIGIGWA MANA.UBWO BUMWE BW’ABARUNDI BWABONETSE BAKEREYE IGITUNGWA SIBWO.IVVYO BI MONUMENTS VYOSE VYUBATSE MUGIHUGU COSE NIBIGIGWA MANA VYA BUYOYA NIYO MPAMVU UBURUNDI BUTAZIGERA BURONKA AMAHORO MUTARABISENYA.Niba Petero Nkurunziza ari umunyamasengesho yskagomvye kuba yarabomoye ivyo bimenyetso vyose.Iyo mufashe umwanya ngo mugiye kugwibutso gw’ubumwe bw’abarundi muba mugiye guterekera no gukomeza ibiheko vya Buyoya Petero.
    Kwari ukubakebura

  • Mwarasaze gusa niba mutari kuyayata,shaka ingamba vuba zogucyemura ibibazo muri kwivurugutamo

  • twongeye kubaramutsa amaho iyimana twembwe abanyagihungu ibyotwifuza nukubona amahoro muburundi kuko twembwe turahangayitse gose byukuri imana idutabare kabisa amahotwese kubarundi

  • @mzoyihera intagoheka
    "...ese iyuvuga yuko abantu baheze bashagurwa amagara aho nakwemera kuvukuri..."

    Wewe umenga warashahuwe!

  • @Mzoyihera Intagoheka,
    Urateye isoni nukuri!!!
    Mbega mubufaransa, ntamahoro ariyo?
    Mbega America ntamahoro ariyo?
    Mbega mububiligi ntamahoro ariyo?
    Ndakubwiye ivyo bihugu kuko ndabizi ko muvyita ko Amahoro ajejeta ariko abobantu wavuze mwirirwa murica muburundi ngokugira mubuze Nkurunziza kuvuga Amahoro mwivyobihugu ndakubwiye naho abenegihugu ntamwaramo urenga abantu babicanyi nkamwe batihaye inkumbi ariko muri general barareba bagasanga mugihugu nam’Ahoro, nawerero niwakomeza kuza uranoba kamwe kamwe wica mubene Burundi ekayemwe ukica numwana wawe canke incutiyawe tusorira kwigihugu cabuze umuntu ariko ntibizobuza ko umukuru wigihugu atangazako muri general uburundi buri munahoro.

  • Yewe sha wi yita Hutsi, izina ryawe niryo muntu! nimba wovuga yuko Nkurunziza Petero, ivyavuga kwarukuru!?nciye ntahura kwatabwenge ugira!, nkubwire ngaha mu Burundi ntamahoro azigera aboneka Nkurunziza akiriho, ati kuki? yafashe ibirwanisho abikwiragiza mubanyagihugu, arizo mbonerakure nivyo birirwa baragandaguza abanyagihugu, bwaca kabiri ngo niyamashirahamwe yiyamiriza ububisha bwiwe buriko burica!? nkubaze Hutsi barya bafatwa nigi Porisi hamwe ni mbonerakure bwacabagatorwa ibiziga iyo batawe mbe baba bishwe na Nzoyihera Intagoheka? cakabiri wewe nimba woshigikira ivyo nkurunziza ariko arakora usanuwuri mubwira ntibuce.Ivyo bihugu navyo wadondaguye, vyovyo biriyubatse sha, abenigihugu baho bakora ijoro numurango, ntibirirwa barisamburirako nkimpene nkawe naso wawe Petero Nkurunziza!, uburundi bwacu bwaramaze kwononekara, bwononwe nabiyita ngo nabatware,baje kumaboko yabo huzuye kubuhumane bwokuvisha amaraso!, ninaco gitima isi yahano mu Burundi yamaze guhumana, nicigima atanikiyibako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.