IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA na John MAGUFULI babonaniye i Ngara

Petero NKURUNZIZA na John MAGUFULI babonaniye i Ngara

jeudi 20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yafashe urwo rugendo n’imodoka, akaba yaciye ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, i Kobero mu ntara ya Muyinga.

Muri urwo rugendo, nk’uko tubikesha igisata c’ukumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Reta y’Uburundi aribo Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano, Alain Aimé NYAMITWE w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, Domitien NDIHOKUBWAYO w’ikigega ca Reta, hamwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi.

Umukuru w’igihugu wa Tanzaniya niwe yagiye kumwakira, mw’ijambo yashikirije abanyagihugu bari ku kibuga c’umupira w’amaguru i Ngara, John MAGUFULI yababwiye ko yabazaniye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ababwira ko agira aje kuganira nawe bari bonyene, mu nyuma ku muhingamo agiranire umubonano n’abandi bamuherekeje.

Ivyavuye muri uwo mubonano turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.