Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RSF Bonesha FM isabwa gutanga urupapuro rwerekana ko idakwirikiranwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RSF Bonesha FM isabwa gutanga urupapuro rwerekana ko idakwirikiranwa (...)

RSF Bonesha FM isabwa gutanga urupapuro rwerekana ko idakwirikiranwa n’ubutungane kugira isubire gukora

samedi 24 février 2018

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu,Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA icegera akongera akaba n’umuvugizi w’urwego CNC ,yavuze ko urwego rujejwe kugenzura no gucungera ibinyamakuru rwasanze ivyasabwe n’iradiyo RSF Bonesha FM ngo isubire gukora bihuye n’itegeko rijejwe kumenyesha amakuru, ariko mu gusuzuma basanze hariho bimwe bikibura muri iyo dosiye ya radiyo RSF Bonesha FM.

Muri ico kiganiro, Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA yamenyesheje ko mu nama CNC yakoze ku magenekerezo ya 22 na 23 Ruhuhuma 2018, basanze bimwe mu bikorwa vy’amaradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru, hariho utunenge tumwe tumwe.

Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA avuga ko tumwe muri utwo tunenge, ari nk’ihindurwa ry’urutonde rw’ibiganiro urwego CNC rutamenyeshejwe , amakuru atanganzwa canke ashikirizwa ata mukono y’uwayatohoje canke uwayakoze uriko hamwe n’amakuru atangwa atatohojwe neza eka n’amakuru amwamwe ahengamye.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.