Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RTNB yiyemeje gutanga umwanya ku biyamamariza amatora y’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RTNB yiyemeje gutanga umwanya ku biyamamariza amatora y’ibwirizwa (...)

RTNB yiyemeje gutanga umwanya ku biyamamariza amatora y’ibwirizwa nshingiro

lundi 30 avril 2018

Salvator NIZIGIYIMANA arongongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu avuga ko bazobikora, mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu rihamagarira imyiyamamazo, mu ngingo yaryo ya 6, no mu ntumbero yo gutuma hataba imyidogo ku ruhande uru canke ruriya ko rutahawe umwanya.

Umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu asigura ariko ko, abanyamigambwe canke abahurikiye mu nani bategerezwa kumenyesha integuro yabo n’umwanya bashaka gushikiririzako ivyiyumviro vyabo.

JPEG - 80.6 ko
Salvator NIZIGIYIMANA , Umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu

Salvator NIZIGIYIMANA avuga kandi ko insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu bizoherekeza abo banyamigambwe aho bazoba bari mu myiyamamazo, ariko bagasabwa kubimenyesha hakiri kare, kandi bagategura ingene bazokwunguruza abamenyeshamakuru kuko insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu bisunze uburyo bakoresha bitoborohereza.

Imigambwe 26 n’urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, nibo biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, nayo amatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.