IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zerekanye amakenga ku matora y’ibwirizwa (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zerekanye amakenga ku matora y’ibwirizwa nshingiro mu Burundi

mercredi 2 mai 2018

Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryo kur’uyu wa mkabiri igenekerezo rya 1 Rusama 2018, umuvugizi wa Reta, Heather Nauert, amenyesha ko mw’ibwirizwa nshingiro rishasha rigiye kwemezwa canke guhakanwa, harimwo ingingo zidasiguye neza.

Muri izo ngingo, Heather Nauert, avuga nk’iyijanye n’ihindurwa ry’ingene ibiringo vy’umukuru w’igihugu bitunganijwe, agasigura ko iza guca hirya ibiri mu masezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibicishije ku muvugizi, zimenyesha ko ibwirizwa nshingiro rishasha riza gutuma inzego zishingiye ku ntwaro rusangi zitakaza inguvu.

JPEG - 40 ko
Heather Nauert, umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikamenyesha ko Reta y’Uburundi itegerezwa kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, bwo guhurira hamwe mu manama no mu mashirahamwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.