Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima ko umukuru w’igihugu C’Uburundi (...)
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima ko umukuru w’igihugu C’Uburundi atazokwitoza muri 2020
mercredi 13 juin 2018
Mw’itangazo ryo kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko ingingo y’umukuru w’igihugu ishobora kuba intambwe nziza mw’itera mbere ry’intwaro rusangi mu barundi ikaba n’akarorero keza ku bandi barongozi bo mu karere.
Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bisaba Reta y’Uburundi gufata intambwe ziboneka mu guteza imbere intwaro, kwubaha agateka ka zina muntu, gutanga urubuga ku banyagihugu no guteza imbere ubwigenge bw’ibinyamakuru.
Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko, izo ngingo ari nyamukuru ku bwigenge, ku cizere, no kwugurura ihiganwa rya poritike mu gutegura neza amatora ya 2020.
Babicishije ku biro vy’umuvugizi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje ko zibandanya gushigikira Uburundi n’abarundi mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’iterambere.
IGIHE
Messages
13 juin 2018, 15:39, par Paul
Nivyiza
13 juin 2018, 18:46, par innocence
umukuru w igihugu cacu n umushingantahe ntasa nano birigwa biyemera no murakakarere
17 juin 2018, 11:37, par Nsengiyumva prosper
Nyakubahwa nkurunziza ndamwipfurije iherezo ryiza kuko numu sérieux kubna asubiye guhuza uburundi na amerika kuko hahora icuka kibi hagati yabo
18 juin 2018, 11:13, par niyungek sos
Andika hano murameny nkurunziz nubyey watwex pe kok akaryoshe ntigahor mwitam iman izigamuburund nababutuy
19 juin 2018, 09:51, par Ukuli
Imana yahaye u Burundi umugabo w ijunja n I jambo, umushingantahe ukwiye, imboneza y amahoro, umugabo akunda igihugu ciwe n abanyagihugu umugabo yubaha Kandi akubahiriza Bose, umugabo atwaza I neza, umurongozi aciye ubwenge akandi araba Kure, umugabo aharanira inyungu n ineza y abanyagihugu navyo. Umugabo akunda Imana. Uyo ntayundi ni Son Excellence Pierre NKURUNZIZA umugabo nyawe. Bajya bahora bamuvuga Aya muhe ngira aberetse ko ari ba mujeri koko n’a bajya biyemera ko bakomeye bafise inguvu bazi ubwenge Kandi atanabuke bafise basahura utwabanyagihugu babo a bakanabica ataco bishisha babahora a kamamo biyita bakomeye mûri région ngira barabira kuri we n umugambwe wiwe nyene. Imana imuhezagire, Imana ihezagire umugambwe, Imana ihezagire u Burundi n a Barundi
19 juin 2018, 20:56, par Sylvestre
Vyukuri Namakungu Akwiye Kubona Ko Yahenzwe Nabarundi Bamwebamwe Badashaka Demokrasi Rero Amakungu Akwiye Gukuraho Ibihano Atagisabwe Kuko Barenganije Abarundi Nuburundi Bongere Batange Indishi Yakababaro Nayahandi Nkuko Nyakubahwa Yabivuze Bazosaba Imbazi Kandi Batangiye Nukonyene Murakoze