IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ntiyashimishijwe n’ingingo yafashwe n’ubumwe bwa (...)

Reta y’Uburundi ntiyashimishijwe n’ingingo yafashwe n’ubumwe bwa Buraya

mercredi 5 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu mubonano wabaye kuri uwu wa mbere hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, abari baserukiye Reta y’Uburundi basavye ko ibihano iryo shirahamwe ryafatiye Uburundi vyokurwaho.

Uwo mubonano wari watunganijwe mu ntumbero yo kwihweza intambwe imaze gushikwako mw’ishirwa mu ngiro ry’ivyo izo mpande zompi zari zumvikanye hisunzwe ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou. Iyo ngingo ya 96 yerekeye ingene ibihugu biri mu nzira y’amajambere n’umuryango wa Buraya bashobora gufashanya.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye inyuma y’uwo mubonano, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé Nyamitwe yasohoye inyuma y’uwo mubonano, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yeretse abaserukira iryo shirahamwe amahinyu ari mu cegeranyo giherutse gukorwa n’abahinga ba ONU, ku kungene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

JPEG - 27.8 ko
Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Alain Aimé Nyamitwe yavuze ko ico cegeranyo cakozwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama. Uwo mushikiranganji avuga kandi ko bibabaje kubona ibiro biraba ivy’agateka ka zina muntu vya ONU, bitemeye kubeshuza ico cegeranyo Reta ibona ko kirimwo ivyagiriji vyinshi bitagira ishingiro. Reta y’Uburundi ivuga ko yeretse abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza, kandi ko n’umutekano wifashe neza, ariko ivyo bikaba bihushanye n’ingene iryo shirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ribivuga.

Umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe aremera ko hariho utugorane tumwe tumwe, ariko akavuga ko ivyo bitotuma Uburundi bufatirwa ibihano.

Inyuma y’iminsi ibiri yari iheze intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ziri mu nama y’ukurabira hamwe n’abaserukira Reta y’Uburundi, aho ivyo Uburundi bwari bwiyemeje kwubahiriza bigeze mu bijanye n’agateka muntu hamwe n’ubwigenge, ubumwe bwa Buraya bwemeje ko ingingo Reta y’Uburundi yari yafatiwe n’ukudahabwa imfashanyo zishikira mu kigega ca Reta igumizwaho.

Iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba rigiye kubandanya rifasha mu bisata vy’iterambere rishikira abanyagihugu ubwabo, nk’amagara y’abantu, uburimyi n’ibindi. Iryo shirahamwe ryagumijeho gusa imfashanyo zishikira abanyagihugu ariko zidaciye mu kigega ca Reta. Iyo ngingo ikaba ariyo yagumijweho.

Koen Vervaeke, umuyobozi mukuru ajejwe Afrika mu gisata c’ibikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya yamenyesheje ko ubumwe bwa Buraya bugitewe amakenga n’agateka ka zina muntu katariko karubahirizwa mu Burundi, amenyesha kandi ko iryo shirahamwe rigishigikiye iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, kuko ariyo yazanye amahoro mu Burundi.

Reta y’Uburundi yasabwe kubandanya gukorana n’umuhuza Benjamin William Mkapa asanzwe ariwe yatowe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Ku bijanye n’uruhara rw’ibiganiro bibera mu Burundi, Koen Vervaeke yamenyesheje ko bidahuza bose kubera hari abarundi benshi hamwe n’abanyeporitike bahunze igihugu, bakaba badashobora kwumvirizwa n’uwo murwi. Reta ikaba yasabwe ko hotorwa umuti urama utuma abahunze bahunguka.

Izo ntumwa z’ubumwe bwa Buraya zasavye kandi Reta y’Uburundi ko yokwemera ivyashikirijwe n’abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu, Reta yongere izokwemere kandi gukorana n’umurwi w’amatohoza ugiye kurungikwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


IGIHE

Messages

  • oya ntakuduhendesha imfashanyo hama badusubize mubukoroni, iriya ntikiri ONU nishirahamwe ryabazungu rirwanya afrika canecane uburundi.....

  • ntaburyonabumwe boshobora kwerekanako vyifasheneza mugihe benewacubari mubuhungiro! nibaba bananiweno kubagarukana iburundi nibareke izofashanyo babandanye bazibihera nabonabantu nkabandi cakemwemere amategeko mwabisinya mwibazako ari ingingo ibuzuriza imifukogusa? rindira nibindi bizoza ikigutegeye kundakiba kigufashe

  • Ubumwe bwa Bulaya babarundi bwaribwatumye ngo bafashanye mugukura Nkurunziza na reta yiwe bikabata kuwamazi kuko iyobabishikako ngobarikuba bashikiriye bwabutare bwu Burundi, kuvarero bibataye kuwamazi baguma babwira ubumwe bwa Bulaya ko bukwiye kugira icobukoze kugira bongere bagire icubahiro mu Burundi nomubarundi , abobarundirero babonyeko arujubwira ubumwe bwa Bulaya ko uburundi ngwarugufatirwa ibihano ngonavyo birashobora gutuma Nkurunziza ngwata akomoka!!!
    Nicogituma mubona ubumwe bwaburaya bubwira abarundi ngodukeneye kongaha Burundi habaneza ngonkomwijuru ahavyagiye Imana!
    Umvarero ndababwire gumya mugabo muduhe amahoro mudukureko urwamo,twebwehako mwongera kudushiramwo yamacakubiri nkayimwadushizemwo mukidukoroneza nguma iwanyu hataba ivyaha natwe twigumire murivyovyaha mutwagirira ariko kumusi woguca imaza kw’Imana ubwobwishimebwanyu buzoshirwa ahabona kuko twebwe turazi inguvuzacu iyozimva.

  • Jewe nsanga ingorane ziri hagati y’u Burundi n’ibihugu vya Buraya,CNDD FDD irabe ukungene yegera Kagame nka l’homme fort de la sous region abafashe kuko abasumvya Diplomatie,si non barajana i la Haye

  • Ewe kamaro numuryango wawe ntaco wopfuwumariye.mbe burya mwebwe ko mubona nka ba jeyijeyi leta nkurunziza.aho birya binogo murangirizamwo ibibondo vyabatutsi imana irabibona.niyemere yicare.kumwe wawundi yavuga ngo kiraturumbura amanso kubera ubwoba ugira yarabeshe.mbe iyo leta iba ataco yiyagiriza ntiyoreka abobatumwa bose ba UN bakaza.Nzobona rigwa azokwama agosora birya binwa nkimbuka kurya umenga nurukere ruvuye mumazi.nibemere habe itohozwa rikomeye ryigenga.NB:..navuga sinavura leta niyumve yemeere.

  • abobazungu ahobakaturondereye ntibaraheza?mbeganone gayemwe ububashakakobadusubizamubukoroni?cankese bafis ishavuryaho missionyacoup d etat yabankiye?nibatwambik ibara arik imaniratubona. imana nizigamuburundi nabarundi.

  • ariko amayeri yaba dd uwutayabona ninde ? amatohoza ahuka ko bavuze ko abaya koze batabajije leta ubu nagiye kugaruka bakaba batiko barabiyamiri!! batinya iki? nibareke baze hama bavuge uko kuri kutamenyekanye. kira noneho nabone barazi ko atakuri bafise niyo mpamvu badasha ama tohoza bariko barabona ibisakavyimbwa bibahiriyeko

  • iyo akoze ikosa ntahanwe ntatingeso mbi. Akumuhana kaza imvula ihise.

  • mbega aho batinya ko abazungu baza kuraba ivyakozwe naba bamenja bahekuye abavyeyi ibibondwa vyabo.bagacira kubuhomba abavyeyi kugira nakana kokuze nakone gace kicwa na kigoyi kuko kabuze shinge na rugero.none ko izonkoramaraso nizemere nayahandi amaraso y’ibibondo vyabarundi azobizira atacamira.bahenda abantu bibaza ko bitazomenyekana.imana ntinyegezwa.kandi ntirumarira imana.bari bagerageje TEZA BUGENDANA CAMPAZI ..............Ntibuka aho ni mumirongo 95 NTEGA-MARANGA 88.VYANDA nahandi henshi ...72.nibareke kuko imana niyo nkuru.nzobonarigwa azobona ko ryaguye bamushengeje imbere yurukiko.na BARATUZA aragaba avuga ko umuntu yiyahurira mwigendereza wait and see lahare.

  • ahaaaaa!!!!! narababwiye ubumwe bwa buraya ntibutezura butashitse kumugambi wabwo wo kwimika uwo bushaka kugira ubutunzi bwuburundi buje mumaboko yabo rero naho reta yuburundi yosemerera isi yose ikavyumva kwiriko irengana ubumwe bwaburaya nincuti zabwo ntibovyumva ataruko mubahaye utare buri muburundi nta mpamvu nimwe yari gutuma abarundi bicana ngo nikiringo ntibibaho reta naho yoba yari yakoze nabi ntivya kugenda gursyo twabibonye abarurundi bari kwicara hamwe bagatora umuti none ico mbona umugambi wubumwe bwa buraya wo gukura wo kugira jenoside ya ba sndd fdd bose bavuye mwishamba urabandanya ikimenyamenya nuko ivyo bagiye bategura vyabataye kuwamazi batatandukira ibindi batanguye ibitero cibitoke nahandi ntavuze aho haramasezerano yarusha yari bwarengwe? vyanse basubira kiriba ondesi vyanse baja munyiyerekano irimwo ubugumutsi vyanse kudeta vyanse intambara yazanye irwanda ntako reta yuburundidakora ngikingire abene gihugu bose none na onu erenyaguje iriko ishigikira abagumutsi kuk baberera ubutare bwa

  • inkuru yanje irabandanya nuko umenga ivyo twandika ntibishikira abo vyega ukamenga nuguta umwanya uravye rero ibiko biba muburundi ningufu zibihugu vyibihangange zishakira ubutare bwuburundi surukundo nagato bakunda barundi ninyungu zabo bashirimbere kuko naho hopfa abarunddi umumiyoni biraboneka ko ubumwe bwa buraya butemera mpaka busubibije uburundi mubukoroni bwabo ivyo abarundi turabibona akaba arico gituma ivyo bihugu biteza umutekanno muke mugushigikira abagmutsi kugira bashike kuvyo bifuza nonero barundi barurundikanzi ntahandi tworonkera itsinzi ni ku MANA nyenijuru nisi yo yimika abami ikongera ikabakura nimuze tuyisenge twambare amagunira nkabiniwe vyose tuzobirengana na dawidi yishe goriyati arumwana muto ni mufukamire uwiteka vyose birashoboka ntawarazi ko nuyumwaka woheze abagumutse ifuza ko abbatwara bosee baba dd nimbonerakure zose botahira i rahe niyo mikenyuro igezweho kukuravye abagumutsi ntaco ivyobihugu bibavugako ivyegeranyo vya onu bishinja reta nkaho umenga irirwanya twarabahinyuye

  • ahubwo uburayi nubuhe imfashanyo imbonerakure zitagiye mumigumuko zikunda abarundi nuBURUNDI

  • Mbega umushikiranganji ko afata izimanganywa ry’ubuzima bwabantu ari udukosa dusanzwe amakosa azokwita ayakomeye hazoba habaye iki?Mbega abivuga arishira mukibanza c’uwo abibwira?Ahubwo uwovyitondera yosanga ariwe yagaragaje ivyico cegeranyo kuko ntawokumva umushikiranganji nkawe avuga ko hishwe abantu ari udukosa duto ngo aheze yemeze ko haramahoro.Nimba atinyirira ikibanza yaherewe,nahore ariko uwo akingira barojehamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.