Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abana icenda bafashwe bari bajanwe kudandazwa
Rumonge : Abana icenda bafashwe bari bajanwe kudandazwa
lundi 20 Ruhuhuma 2017, par
Igiporisi c’Uburundi cafashe umunyagihugu wo muri Congo, yari kumwe n’abana icenda bivugwa ko yari ajanye kudandaza mu gihugu ca Malawi. Uwo munyecongo arahakana ivyo yagirizwa.
Bosco Namuleba yafatiwe mu Rumonge kuri uwu w’Imana. Yari kumwe n’abana icenda bava i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru y’ifatwa ry’uwo mugabo, mu giporisi bakavuga ko abo bana biyemerera ko bari bajanwe kudandazwa.
Uwo yafashwe ariko avuga ko abo bana yari abashiriwe abavyeyi babo aho muri Malawi.
Igiporisi kivuga ko kiriko gitegura ingene abo bana boshikrizwa abajejwe intwaro aho i Uvira.
IGIHE
Messages
20 Ruhuhuma 2017, 17:08, par Mbonimpa vital
Uwomugabo ategerezwa guhanwa bimwe bikomeye aribishoboka akavuga n’abaguzi biwe bose bagafatwa kimwe n’abo rukorana akokazi kuko ntagakor’arumwe, umuntu atandukanye nibindi bicuruzwa.murakoze
20 Ruhuhuma 2017, 17:53, par Musaga
U Burundi bugeze habi kweli,aho mukanya Nkulikiye aratangura abeshere u Rwanda
20 Ruhuhuma 2017, 20:00, par musaga
Urwo rudandazwa rukorwa naba mujeri bene wacu bo muri CNARED FOCODE.
20 Ruhuhuma 2017, 22:55, par godefoid
ntabandiyaribwajane,nimubaze,abandiyajanye
20 Ruhuhuma 2017, 23:18, par Kuri
NTABWO ARURUDANDAZWA GUSA NIBAKURIKIRANE NEZA IVYO AVUGA NIBAZA KO ARUKURI KUKO BENSHI NAKUBUZE GUTUMAKO IMIRYANGO YABO. INZIRA BACAMWO NI NYINSHI NIMBA BANSE KUBAREKA NIBAMUREKURE YIGIRE NTIMWIYAMBIKE URUBWA
21 Ruhuhuma 2017, 17:02, par Mwumba
Network yo gucuruza abantu mukarere k’ibiyaga binini iyobowe ni ikinywamaraso Kagame.